KOLOSAYI 2

1Ndagomba ko mumenya ukuntu ndabarwanira intambara, mwe n'abo i Lawodikiya n'abatarankubita ijisho bose uko bangana; 2kugira ngo imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabwe itunga ryose ry'ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry'Imana, ni ryo Kristo. 3Muri we ni ho itunga ryose ry'ubwenge n'ukumenya ryahishijwe. 4Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire uwubahendagirisha akarimi gasosa. 5Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n'ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu. 6Nuko nk'uko mwakiriye Kristo Yesu Umwami wacu, mube ari ko mugendera muri we, 7mumushinzemwo imizi, mumwubakwamwo, mushikamishijwe n'ukwizera nk'uko mwigishijwe, murushiriza gushima. 8Mwirinde, ntihakagire uwubagira imbohe, abanyagishije ubwenge bw'abantu ari ibihendo vy'ubusa, bikurikira akaronda k'imigenzo y'abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw'isi, bidakurikira Kristo. 9Kuko muri we ari ho haba ukwuzura kwose kw'Ubumana mu buryo bw'umubiri. 10Kandi mwuzurizwa no kumubamwo, ni we mutwe w'ubukuru bwose n'ububasha bwose. 11Kandi muri we mwahimbuwe igikoba c'ubugabo kutari uko intoke, hamwe mwiyambura akameremere k'umubiri, ni kwo guhimburwa kwo muri Kristo; 12kuko mwahambanywe na we mw'ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubwo kwizera ubushobozi bw' Imana yamuzuye mu bapfuye. 13Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n'ibicumuro vyanyu n'ukudahimburwa igikoba c'ubugabo kw'imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose, 14ihanaguye n'ikete itwagiriza, irimwo amabwirizwa yaduhama, iyikura hagati yacu na yo, iyibamba ku musaraba. 15Kandi yambuye abakuru n'abafise ububasha, ibateterereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubwo uwo musaraba. 16Nuko ntihakagire uwubahinyura ku biribwa, mu vyo imisi mikuru, mu vyo ukwezi kubonetse canke mu vyo isabato. 17Ivyo vyari igitutu c'ivyari birariye kuzoza, ariko umutumba ubwawo ni uwa Kristo. 18Ntihakagire umuntu abagunga impera yanyu, nk'uko yigombera ubwiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n'ubwenge bw'akameremere kiwe, 19kandi atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n'ingingo n'imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n'Imana. 20Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy'isi, Ni igiki gituma mwemera kuganzwa na ya mabwirizwa, nk'abazokwama bari kw'isi-- 21ngo, Ntugafateko, ntugatamireko, ntugakoreko; 22kandi ivyo vyose biba biheze iyo biriwe--mukumvira ivyagezwe n'abantu n'inyigisho zabo? 23Ayo mabwirizwa koko afise ishusho y'ubwenge, kuko abwiriza gusenga nk'uko abantu biraritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ishikanwa ryo kubuza ukwifuza kw'akameremere k'umuntu.

will be added

X\