KOLOSAYI 1

1Pahulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n'uko Imana yabigomvye, na Timoteyo umuvukanyi, 2turabandikiye bavukanyi bo muri Kristo bera b'abizigirwa, muri i Kolosayi. Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese bibabemwo. 3Dushima Imana Se w'Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasiba, 4kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu, n'urukundo mufitiye abera bose, 5kubwo ivyizigirwa mwabikiwe mw'ijuru, ivyo mwumvise kera, mw'ijambo ry'ukuri kw'ubutumwa bwiza, 6bwabashitseko, nk'uko buri mw'isi yose bwama imbuto bugwira, kandi no muri mwebwe bugenza butyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bw'Imana vy'ukuri, " 7nk'uko mwigishijwe n'uwo dukunda Epafura, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu, 8kandi ni we yatumenyesheje urukundo rwanyu muhabwa na Mpwemu. 9Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivyo igomba n'ubwenge bwose no kumenya ivyo impwemu. 10Kugira ngo mugende nk'uko bibereye abo Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana, 11mushobozwa n'ubushobozi bwose, nk'uko inkomezi z'ubwiza bwayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero. 12Mushime Data wa twese yabashoboje kuraganwa n'abera umugabane wo mu muco; 13yadukijije ububasha bw'umwiza, atwimurira mu bwami bw' Umwana wiwe akunda. 14Muri uwo ni ho dufise ugucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu. 15Ni we shusho y'Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose, 16kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw'ijuru n'ivyo mw'isi, ibiboneka n'ibitaboneka, uri intebe z'icubahiro, uri ubwami, uri ubukuru, uri ububasha; vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe. 17We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we vyose ni ho bifataniye. 18Ni we mutwe w'umubiri, ni wo shengero, kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngo abe agaheta muri vyose. 19Kuko Imana yahimbawe no kumuvyagizamwo ukwuzura kwayo kwose. 20Yahimbawe kandi no kumuha kwuzuza vyose na yo, ari ivyo mw'isi, ari ivyo mw'ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe. 21Namwe abari baratandukanijwe n'Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n'ivyo mwakoze bibi. 22None ubu yarabujuje na yo abuzurije mu mubiri wiwe w'umuntu kubwo urupfu yapfuye, ngo abashikane imbere yayo muri abera, mudafise agasembwa, mutagira ico mwogawa; 23asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n'ubutumwa mwumvise, bwavuzwe mu baremwe bose bo musi y'ijuru, ubwo jewe Pahulo nacikiye umukozi wabwo. 24None nezererewe amagorwa yanje yo kubwanyu, kandi ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubwo umubiri wiwe, ni wo shengero, 25iryo nacikiye umukozi, nk'uko nahawe n'Imana ububwiriza bwo kugaburira mwebwe, kugira ngo nkwize ijambo ry'Imana rishitse, 26ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n'ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo, 27abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry'ubwiza bw'iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza. 28Natwe ni we twamamaza, duhanura umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubwenge bwose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahinguriwe muri Kristo; 29ico ni co kintamisha, ndabirwanira nk'uko ubushobozi bwiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.

will be added

X\