IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 9

1Ariko Sawuli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b'Umwami imihigo n'ubwicanyi, aja ku muherezi mukuru, 2amusaba amakete yo guha abo nsengero z'Abayuda z'i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ari abagabo canke abagore, abajane i Yerusalemu mw'ibohero. 3Maze ariko aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw'ijuru, umukayanganira irya n'ino. 4Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza riti: "Sawuli, Sawuli, umpigira iki? " 5Aramubaza ati: "Uri nde ga Mwami? " Na we ati: "Ni jewe Yesu, uwo uriko urahiga; 6ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivyo ukwiye gukora. " 7Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona. 8Sawuli aravyuka, ava hasi, maze akanuye amaso ntiyagira ico abona. Bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko. 9Amarayo gatatu, atabona, ata co arya, ata co anywa. 10I Damasiko hari umwigishwa yitwa Ananiya. Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara ati: "Ananiya. " Na we ati: "Sabwe, Mwami. " 11Umwami aramubarira ati: "Va hasi, uje mu nzira yitwa Iyigororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sawuli w'i Taruso, kuko ariko arasenga. 12Kandi yabonye umuntu yitwa Ananiya yinjira aho ari, amurambikako ibiganza, kugira ngo ahumuke. " 13Ananiya aramwishura ati: "Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy'inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu; 14kandi n'ino ahafise ububasha abuhawe n'abaherezi bakuru, bwo kuboha abambaza izina ryawe bose. " 15Umwami aramwishura ati: "Pfa kugenda, kuko uwo muntu ari ikintu nitoranirije, ngo ajane izina ryanje imbere y'abanyamahanga, abami n'Abisirayeli. 16Nanje nzomwereka imibabaro uko ingana azoba akwiye kubabazwa ahorwa izina ryanje. " 17Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikako ibiganza, aramubwira ati: "Sawuli, muvukanyi wanje, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ngo uhumuke, wuzuzwe Mpwemu Yera. " 18Uwo mwanya ibisa n'ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa; 19maze ararya, intege ziragaruka. Amarana imisi n'abigishwa b'i Damasiko; 20aca aherako avuga mu nsengero z'Abayuda ivya Yesu, yuko ari Umwana w'Imana. 21Abamwumvise bose barumirwa bati: "Mbega uwu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n'ino, kugira ngo abashire abaherezi bakuru bari baboshwe. " 22Ariko Sawuli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo. 23Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica. 24Maze Sawuli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw'ijoro kugira ngo bamwice. 25Maze abigishwa biwe bamujana mw'ijoro, bamucisha ku ruhome rw'amabuye, bamwururukiriza mu giseke. 26Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n'abigishwa. Bose baramutinya, ntibemera ko ari umwigishwa. 27Maze Barunaba aramwakira, amushira intumwa, aziganira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n'ingene yavuganye na we, kandi n'ingene yavuze ashize amanga mw'izina rya Yesu i Damasiko. 28Aba kumwe na bo uko bukeye uko bwije i Yerusalemu, 29avuga ashize amanga mw'izina ry'Umwami Yesu; yaravuga aharira n'Abayuda bavuye i Bugiriki; na bo barondera ingene bomwica. 30Ariko abavukanyi babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso. " 31Nuko ishengero ryose ryari hose i Yudaya; Galilaya n'i Samariya rigira amahoro, rirahangama. Kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira. 32Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda, 33asangayo umuntu yitwa Ayineya, yari amaze imyaka munani avundira mu buriri, kuko yari yaramugaye. 34Petero aramubwira ati: " "Ayineya, Yesu Kristo aragukijije; vyuka, wizingire ikirago. " " Aca avyuka ako kanya. 35Ababa i Luda n'i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu. 36Kandi i Yopa hari umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka. Uwo mugore yari n'ibikorwa vyiza vyinshi, n'ubuntu bwinshi yagira. 37Muri iyo misi ararwara, arapfa. Bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru. 38Kandi kuko i Luda hari hafi y'i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumako abantu babiri, bamwinginga bati: " "Ntutebe kudushikira. " 39Petero arahaguruka, ajana na bo. Ashitseyo bamujana muri ya gorofa, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amakanzu n'imitamana Doruka yajishe akiri muri bo. 40Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maze ahindukirira umuvyimba ati: "Tabita, vyuka. " Arakanura; maze abonye Petero, aravyuka, aricara. 41Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maze ahamagara abera n'abapfakazi, amubaha ari muzima. 42Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu. 43Maze amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhinguzi w'insato.

will be added

X\