IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 8

1Bahera kuri uwo musi bahama cane ishengero ry'i Yerusalemu. Bose basabagirira mu ntara z'i Yudaya n'i Samariya, ukuyemwo intumwa gusa. 2Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane. 3Ariko Sawuli yatikiza ishengero; yinjira mu nzu zose, agakuramwo abagabo n'abagore, akabashira mw'ibohero. 4Ariko abasabagiye bagendagenda bavuga ijambo ry'Imana. 5Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c'i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. 6Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora. 7Kuko benshi muri bo bari binjiwemwo n'impwemu zihumanye zabavamwo, ziboroga n'amajwi arenga; kandi n'abari bamugaye n'abacumbagira benshi barakizwa. 8Haba umunezero mwinshi muri ico gisagara. 9Kandi hariho umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivyo ubupfumu muri ico gisagara, akumiza ubwoko bw'Abasamariya, akiyita agakomeye. 10Bama bamushizeko umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye bati: "Uwu ni we bwa bushobozi bw'Imana bwitwa Ubuhambaye. " 11Ariko icatuma bamushirako umutima ni uko uhereye kera yabumiza n'ubupfumu bwiwe. 12Ariko bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw'ubwami bw'Imana, n'ubwo izina rya Yesu Kristo, abagabo n'abagore barabatizwa. 13Na simoni na we arizera, kandi amaze kubatizwa yamana na Filipo. Abonye ibimenyetso n'ibitangaza bihambaye vyakorwa, arumirwa. 14Maze intumwa ziri i Yerusalemu zumvise yuko Abasamariya bemeye ijambo ry'Imana, zirungikayo Petero na Yohana, 15na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabwe Mpwemu Yera; 16kuko Mpwemu ataribwamanuke ngo aje no kuri umwe muri bo, bari babatijwe gusa mw'izina ry'Umwami Yesu. 17Maze babarambikako ibiganza, bahabwa Mpwemu Yera. 18Ariko Simoni, abonye yuko abarambitsweko ibiganza vy'intumwa bahabwa Mpwemu Yera, azizanira amahera 19ati: "Nanje ni mumpe ubwo bushobozi, kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azohabwe Mpwemu Yera. " 20Petero aramubwira ati: "Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngo ingabire y'Imana woyironkesha amahera. 21Nta n'agahimba ufise, nta n'akagabane kavyo, kuko umutima wawe udatunganye imbere y'Imana. 22Nuko wihane ubwo bubi bwawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa. 23Kuko mbona yuko uri mw'ibamba ry'umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya. " 24Simoni aramwishura ati: "Munsengere ku Mwami Imana, ivyo muvuze ntihagire ikimbako. " 25Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry'Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bwiza mu mihana myinshi y'Abasamariya 26Maze umumarayika w'Umwami Imana abarira Filipo ati: " "Va hasi uje mu bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza; imwe yo mu bugaragwa. " 27Avahasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y'ububasha bwinshi yakorera Kanidake, umwamikazi w'Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga. 28Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n'amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n'Imana. 29Mpwemu abarira Filipo ati: "Ni wegere uriya mukogote, ugendane na wo. " 30Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n'Imana; aramubaza ati: "Ivyo usoma urabitahuye? " 31Na we ati: "Nobishobora nte, ntabonye uwubindongoramwo? " Yinginga Filipo ngo yurire bicarane. 32Igice co mu vyanditswe yasoma cari iki, ngo Yajanywe nk'intama bajana mw'ibagiro, Nk'uko umwagazi w'intama utekerereza imbere y'uwuyikata ubwoya Ni ko atakuyeko umunwa. 33Hamwe yacishwa bugufi nta numwe yamuciriye urwo ukuri, Ni nde azoshobora kudonda ivyo uruvyaro rwiwe? Kuko ubugingo bwiwe bukuwe mw'isi. 34Iyo nkone ibaza Filipo iti: "Ndakubaza, uwavugishwa n' Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayivuzeko, canke yayavuze ku wundi? " 35Filipo ateranura akanwa, atangurira kuri ivyo vyanditswe, amubwira ubutumwa bwiza bwa Yesu. 36Bakigenda mu nzira, bashika ahari amazi; iyo nkone iramubaza iti: "Ehe amazi; ikimbuza kubatizwa ni igiki? " [ 37Filipo arayishura ati: "Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. " Na yo iti: "Nizeye Yesu Kristo ko ari Umwana w'Imana. " ] 38Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n'iyo nkone, arayibatiza. 39Bavuye mu mazi, Mpwemu w'Uhoraho Imana ajana Filipo, iyo nkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe. 40Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bwiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.

will be added

X\