IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 7

1Umuherezi mukuru aramubaza ati: "Mbega ivyo ni ko biri? " 2Na we aramwishura ati: "Yemwe bavukanyi kandi ba data, ni mwumve; Imana y'icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ari i Mesopotamiya, ataraja kugerera i Harani, 3iramubarira iti: 'Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka.' 4Maze ava mu gihugu c'i Bukaludaya, agerera i Harani. Se amaze gupfa, iramwimura, imuzana muri iki gihugu mubamwo ubu. 5Ariko ntiyakimuhayemwo umugabane, naho hoba aho gushinga ikirenge; isezerana kuzokimuha ngo kibe itongo ryiwe n'iryo uruvyaro rwiwe, kandi ataragira umwana. " 6Kandi Imana ivuga itya iti: "Uruvyaro rwawe ruzoba abanyamahanga mu kindi gihugu, bazobagira abaja, babagirire nabi imyaka amajana ane. 7Kandi ihanga rizobagira abaja ni jewe nzoricirako iteka, Imana ni ko yagize iti: "Ariko amaherezo bazovayo, bansengere aha hantu. " 8Maze imuha isezerano ryo guhimburwa igikoba c'ubugabo. Nuko avyara Isaka, amuhimbura igikoba c'ubugabo ku musi ugira umunani; Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru icumi na babiri. 9Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugurisha ngo ajanwe mu Misiri. Imana ibana na we, 10imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha amahirwe n'ubwenge kuri Farawo, umwami wo mu Misiri, amugira icegera ciwe ngo aganze mu Misiri, amuzeza n'urugo rwiwe rwose. 11Ikigoyi gitera mu Misiri hose n'i Kanani, hatera n'amarushwa menshi, kandi ba sogokuruza babura ivyo kurya. 12Maze Yakobo yumvise yuko mu Misiri hari amasumo, atuma ba sogokuruza ubwa mbere. 13Kandi ubugira kabiri Yosefu yibarira abavukanyi biwe, umuryango wa Yosefu umenywa na Farawo. 14Yosefu atuma kuzana se Yakobo n'abo mu nzu yabo bose, uko ari mirongo irindwi na batanu. 15Yakobo aramanuka, aja mu Misiri; agwayo, bo na ba sogokuruza. 16Babajana i Shekemu, babahamba mw'isenga Aburahamu yaguze igiciro c'ifeza n'abana ba Hamori i Shekemu. 17Ariko igihe c'isezerano kigira gishike, iryoImana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi mu Misiri, 18gushitsa aho uwundi mwami yimikiwe mu Misiri atigeze kumenya ivya Yosefu. 19Uwo mwami agirira ubugunge ubwoko bwacu, agirira ba sogokuruza nabi, abategeka guheb'abana babo b'inzoya kugira ngo ntibabeho. 20Muri ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu; 21amaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe. 22Mose yigishwa ubwenge bwose bw'Abanyamisiri, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe. 23Maze ariko aramara imyaka mirongo ine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera abavukanyi b'Abisirayeli. 24Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahora iyo mpahazwa, yica wa Munyamisiri. 25Yibwira yuko abo i wabo botahura ko Imana ibakirisha ukuboko kwiwe; ariko ntibabimenya. 26Bukeye bw'aho, asanga abarwana, ageza kubatatura ati: "Yemwe bagabo, muri umuryango umwe, ni iki gitumye mugiriranira nabi? " 27Ariko uwagirira umubanyi wiwe nabi aramusunika, aramubaza ati: "Ni nde yakugize umukuru canke umucamanza wacu? 28Mbega ugomba kunyica, nk'uko ejo wishe wa Munyamisiri? " 29Mose yumvise iryo jambo, arahunga, aba umwimuka mu gihugu c'I Midiyani, avyarirayo abahungu babiri. 30Imyaka mirongo ine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw'umuriro waka mu gisaka c'amahwa mu bugaragwa bwo ku musozi Sinayi. 31Mose abonye ivyo biramutangaza; akivyegera ngo avyihweze, havuga ijwi ry'Uhoraho 32riti: "Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. " Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza. 33Uhoraho aramubarira ati: "Kura ibirato mu birenge vyawe, kuko aho hantu uhagaze ari ahera. " 34Ni ukuri nabonye amarushwa abantu banje bari mu Misiri barimwo, numvise ukuniha kwabo, none manukanywe no kubarokora; kandi rero ni uze ndagutume mu Misiri. " 35Uwo Mose, umwe banka bati: "Ni nde yakugize umukuru canke umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n'umucunguzi, abihawe n'ukuboko kw'umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka. 36Uwo abakurayo, amaze gukora ibitangaza n'ibimenyetso mu gihugu ca Misiri, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongo ine. 37Uwo Mose ni we yabwiye Abisirayeli ati: "Imana izobahagurukiriza uwuvugishwa na yo mu b'i wanyu, ameze nkanje. " 38Kandi uwo Mose ni we yari mw'ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n'umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kandi ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y'ubugingo ngo ayaduhe. 39Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira mu Misiri mu mitima yabo, 40babwira Aroni bati: "Ni uturonkere imana zo kutuja imbere; kuko umwe Mose yaturongoye adukura mu gihugu ca Misiri, tutazi ico yabaye. " 41Bironkera igishushanyo c'inka muri iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n'ibikorwa vy'intoke zabo. 42Ariko Imana iraba hirya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw'ijuru; nk'uko vyanditswe mu gitabo c'abavugishwa n'Imana, ngo Mbega hari ibitungwa bibazwe canke ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka uko ari mirongo ine yo mu bugaragwa, yemwe ab'inzu ya Isirayeli? 43Mwareruye ihema rya Moloki, N'inyenyeri y'ikigirwamana Refani, ari ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge; Nanje nzobambukana hirya y'i Babuloni. 44Ba sogokuruza bari bafise ihema ry'ibisate vy'amabuye vy'amabwirizwa icumi, hamwe bari mu bugaragwa, nk'uko iyavuganye na Mose yabigeze, yamubwiye kurigereranya n'ikigereranyo yabonye. 45Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe batsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi. 46Kandi Dawidi aronka amahirwe imbere y'Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba. 47Ariko Salomo ni we yayubakiye ingoro. 48Yamara Iyisumbavyose ntiba mu zubakishijwe amaboko; nk'uko uwavugishijwe n'Imana yavuze 49ati: "Ijuru ni ryo ntebe yanje y'ubwami, Isi na yo ni indava y'ibirenge vyanje; Muzonyubakira inzu ki? ni ko Uhoraho abajije, Canke nzoruhukira ahantu ki? 50Mbega intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose? 51Yemwe abadaca bugufi, mwa badadaza imitima mukiziba amatwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora. 52Ni nde mu bavugishijwe n'Imana ba sogokuruza banyu batahamye? Bishe ababanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica. 53Ari mwebwe mwahawe ivyagezwe bizanywe n'abamarayika, ntimwavyitondera. " 54Bavyumvise baribwa mu mitima, bamuhekenyera imisaya. 55Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw'ijuru, abona ubwiza bw'Imana, na Yesu ahagaze i buryo bw'Imana. 56Aravuga ati: "Ehe ndabonye ijuru rikingurutse, n'Umwana w'umuntu ahagaze i buryo bw'Imana. " 57Barayogora n'amajwi arenga, biziba amatwi, bamugwirako icarimwe, 58bamuhindira inyuma y'igisagara, bamwicisha amabuye; kandi abamwagirije bari bafashije hasi imitamana yabo imbere y'ibirenge vy'umusore yitwa Sawuli. 59Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga ati: "Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje. " 60Araheza arapfukama, asemerera n'ijwi rirenga ati: "Mwami, ntubaharureko iki caha. " Amaze kuvuga atyo, aca aracikana. Kandi Sawuli na we yarabishimye ko yicwa.

will be added

X\