IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 6

1Kandi muri iyo misi, abigishwa bariko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo kavukire, kuko abapfakazi babo birengagizwa ku ngaburo y'imisi yose. 2Bamwe icumi na babiri bakoranya ishengero ry'abigishwa bati: "Ntibibereye yuko twebwe tureka kwigisha ijambo ry'Imana kubwo kugaburira ivyo ku meza. 3Nuko, bavukanyi, ni murabe muri mwebwe abantu indwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n'ubwenge, tubashire muri iki gikorwa. 4Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry'Imana. " 5Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, Filipo, Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y'Abayuda. 6Babashira imbere y'intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikako ibiganza. 7Nuko ijambo ry'Imana riragwira; abigishwa barongerekana cane i Yerusalemu, n'isinzi ry'abaherezi bumvira ukwizera. 8Stefano yari yuzuye ubuntu bw' Imana n'ubushobozi, yakora ibitangaza n'ibimenyetso bikomeye mu bantu. 9Ariko hava hasi abantu bamwe bo mu rusengero rw'Abaliberutino, urwo Abanyakurene, urwo Abanyalekisanderiya, n'urwo Abanyakilikiya n'iyo Abanyasiya, baja impari na Stefano, 10ariko ntibashobora gutsinda ubwenge na Mpwemu bimuvugisha. 11Nuko bahera abagabo bo kuvuga bati: "Twumvise avuga amajambo yo gutyoza Mose n'Imana. " 12Bosha abantu, abakuru n'abahinga b'ivyanditswe baramugira, baramufata, bamujana mw'ikoraniro ry'abashingantahe. 13Bahagarika ivyabona vy'ibinyoma, baravuga bati: "Uwu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hera n'ivyagezwe; 14kuko twumvise avuga ko Yesu Umunyanazareti azosambura aha hantu, kandi ngo azohindura imigenzo twahawe na Mose. " 15Abicaye mw'ikoraniro ry'abashingantahe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n'aho umumarayika.

will be added

X\