IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 5

1Kandi hari umugabo yitwa Ananiya, agurisha itongo afatanije n'umugore wiwe Safira, 2yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y'ibirenge vy'intumwa. 3Petero aramubaza ati: "Ananiya, ni iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukisigariza ku biguzi vy'itongo? 4Ukiyifise ntiyari iyawe? Kandi umaze kuyigurisha, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uko ugomba? Ni igiki catumye wigira ingingo mu mutima wawe gukora utyo? Si abantu uhenze, Imana ni yo uhenze. " 5Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi. Abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi. 6Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba. 7Hahise nk'isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye; 8Petero aramubaza ati: "Mbarira, mbega itongo mwarigurishije ayo nyene? " Aramwishura ati: "Ego me, ni ayo. " 9Petero aramubaza ati: "Ni igiki gitumye muhuza inama kugerageza Mpwemu w'Uhoraho Imana? Ehe ibirenge vy'abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana. " 10Uwo mwanya agwa imbere y'ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y'umugabo wiwe. 11Ishengero ryose n'abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi. 12Ibimenyetso n'ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n'amaboko y'intumwa. Kandi bose bakoranira mw'ibaraza rya Salomo n'umutima uhuye. 13Ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamara abantu bose barabashimagiza, 14barushiriza kwongerwako ishengero ryinshi ry'abagabo n'abagore, abizeye Umwami Yesu; 15bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitutu ciwe gishike kuri bamwe. 16Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n'i Yerusalemu, bazana abarwaye n'abababazwa n'impwemu zihumanye, bakizwa uko bangana. 17Maze umuherezi mukuru ahagurukana n'abari kumwe na we bose, ni bo muce witwa uwo Abasadukayo, buzura ishari, 18bashorera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y'ibohero rya bose. 19Maze umumarayika w' Umwami Imana ahenga mw'ijoro yugurura imyango y'ibohero, abakurayo, arababwira 20ati: "Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bwa Bugingo. " 21Bavyumvise, binjira mu rusengero hari nko mu mutwenzi, barigisha. Maze umuherezi mukuru azanana n'abari kumwe na we, bahamagaza abacamanza, n'abakuru bose b'Abisirayeli, maze batuma mu nzu y'abanyororo kuzana za ntumwa. 22Abagendanyi bagiye ntibazisanga mw'ibohero. Baragaruka barababwira 23bati: "Inzu y'abanyororo dusanze yugaye ata nkomanzi iriho na mba, n'abarinzi bahagaze ku myango, maze twuguruye ntitwasangamwo umuntu. " 24Bumvise ayo majambo umukuru w'abacungera irembo y'urusengero n'abaherezi bakuru bazazanirwa n'ivyabo, n'inkurikizi yavyo. 25Haza umuntu arababarira ati: "Erega ba bagabo mwashira mw'ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu. " 26Maze uwo mukuru w'abacungera irembo ajana n'abagendanyi, babazana ku neza, kuko batinya abantu, ngo ntibabatere amabuye. 27Bamaze kubazana babashira mw'ikoraniro ry'abashingantahe; umuherezi mukuru arababaza 28ati: "Mbega ntitwabihanije cane kutigisha muri rya zina? None raba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera ni ukudushirako amaraso ya wa muntu. " 29Maze Petero n'intumwa barabishura bati: "Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu. 30Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebwe mwishe mumumanitse ku giti. 31Uwo Imana yaramushize hejuru n'ukuboko kwayo kw'i buryo, ngo abe Umukuru n'Umukiza, ngo ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha. 32Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we ni uko, uwo Imana yahaye abayumvira. " 33Ariko bo bavyumvise baribwa mu mitima, bashaka kubica. 34Maze hahaguruka umwe mw'ikoraniro ry'abashingantahe, w'Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w'ivyagezwe, yubahwa n'abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato. 35Maze arababarira ati: "Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu; 36kuko mu misi ishize Teyuda yadutse yiyita agakomeye, igitigiri c'abantu gishika nk'amajana ane baramukurikira. " Maze aricwa, abamwumvira bose barasabagira, bacika ubusa. 37Hanyuma yiwe haduka Yuda Umunyagalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; na we apfa rubi, n'abamwumvira bose uko bangana barasabagira. 38Kandi none ndababwire; ni muzibukire aba bantu, mubarekure; kuko iyi nama n'iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa; 39ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, ntimuzosange muhaye murwanya Imana. 40Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazihanikiriza ngo ntizizokwigishe mw'izina rya Yesu, maze barazirekura. 41Nuko bava mu maso y'abacamanza, banezerejwe n'uko bemerewe gukurwako urupfasoni ku bw'iryo zina. 42Kandi imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahengeshanya kwigisha no kuvuga ubutumwa bwiza bwa Yesu, ko ari we Kristo.

will be added

X\