IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 4

1Bakivugana n'abantu, abaherezi bazanana aho bari n'umukuru w'abacungera irembo ry'urusengero, n'Abasadukayo, 2bababajwe cane n'uko bigisha abantu, bababarira yuko ukuzuka kw'abapfuye kwabonetse kuri Yesu. 3Babashorerako amaboko, babashira mw'ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bwari bugorovye. 4Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c'abagabo gishika nk'ibihumbi bitanu. 5Bukeye bw'aho, abashingantahe babo, abakuru n'abahinga b'ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu, 6Anasi umuherezi mukuru, Kayafa, Yohana, Alekisandero n'abo umuryango bose w'abaherezi bakuru. 7Babashize hagati, barababaza bati: "Ni ubushobozi ki, canke ni izina riki, vyabateye gukora ivyo? " 8Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira ati: "Yemwe bashingantahe b'abantu n'abakuru, 9uwu musi ko ducunaguzwa ivyo twagiriye neza umuntu yanyogomba, kandi n'icamukijije, 10ni mumenye mwese, n'ubwoko bwose bw'Abisirayeli, yuko ari mw'izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebwe mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, ko ari ho hatumye uwu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. 11Uwo ni we buye mwebwe abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka. 12Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y'ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo. 13Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atari abanyabwenge, baratangara; maze bamenya ko babana na Yesu; 14kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga. 15Barabataramura, maze baja inama 16bati: "Mbega aba bantu tubagire dute? Ko vyamenyekanye mu baba i Yerusalemu bose yuko bakoze ikimenyetso kibaye rurangiranwa, natwe ntidushobora kubihakana; 17ariko ntibarushirize kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n'umwe babarira muri iryo zina. " 18Babahamagaje, barabihanikiriza ngo ntibihende ngo bavuge canke bigishe mw'izina rya Yesu. 19Petero na Yohana barabishura bati: "Namba ari vyiza mu maso y'Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye; 20kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n'ivyo twumvise. " " 21Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubwo abantu, kuko bose bahimbaza Imana ku vyabaye. 22Kuko uwo muntu yari arengeje imyaka mirongo ine avutse, uwakozweko ico kimenyetso co kumukiza. 23Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babiganira ivyo abakuru b'abaherezi n'abakuru bababwiye vyose. 24Na bo bavyumvise bavuga n'ijwi rirenga, babwira Imana n'umutima uhuye bati: " "Databuja, ni wewe waremye ijuru n'isi, n'ikiyaga n'ibirimwo vyose, 25kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha Mpwemu Yera uti: "Abanyamahanga ni iki kibateye umuvurungano, N'amoko yagiriye ingingo iki ivyo ubusa? " 26Abami bo mw'isi batonze urugamba, N'abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n'Uwo yarobanuje amavuta. 27Kandi vy'ukuri muri iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n'abanyamahanga n'imiryango ya Isirayeli, bakoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta, 28ngo bashitse ivyo ukuboko kwawe n'inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba. 29Kandi none, Mwami, raba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amazinda rwose. 30Ukigoroye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n'ibitangaza bikorwe mw'izina ry'Umushumba wawe yera Yesu. " " 31Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry'Imana bashize amazinda. 32Kandi abizeye umurwi bari bahuje umutima n'inama, kandi nta n'umwe yakimbukira ikintu cose atunze ngo ni iciwe, ariko vyose barabisangira. 33Kandi intumwa zashingira intahe ukuzuka kw'Umwami Yesu ziri n'ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw'Imana bwinshi buba kuri bo bose." 34Nta mukene yari muri bo, kuko abari bafise amatongo bose canke inzu babigurisha, bakazana ibiguzi vy'ivyo bagurishije, 35bakabishira imbere y'ibirenge vy'intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese uko akenye. 36Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ngo Umwana wo guhanura, Umulewi yavukiye i Kupuro, 37yari afise itongo ararigurisha, azana ibiguzi vyaryo, abishira imbere y'ibirenge vy'intumwa.

will be added

X\