IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 3

1Petero na Yohana bariko baraduga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha icenda. 2Hari umuntu yamugaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngo asege abinjira mu rusengero. 3Uwo abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega ngo bamuhe. 4Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira ati: "Ni uturabe. " 5Abashirako umutima agira ngo hari ico bamuha. 6Petero aramubarira ati: "Nta feza n'izahabu mfise, ariko ico mfise ndakiguha; mw'izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke. " 7Maze amufata ukuboko kw'i buryo, amukura hasi; ako kanya ibirenge vyiwe n'ingingo zavyo bica birakomera. 8Arasimbasimba arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana. 9Abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana, 10bamenya ko ari we yahora yicara kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza asegerereza; barumirwa cane, batangazwa n'ibimubayeko. 11Agifashe Petero na Yohana, abantu bose biruka baja aho bari, bakoranira kw'ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane. 12Petero abibonye, abaza abo bantu ati: "Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni iki gitumye mutangazwa n'ibi, muduhangiye amaso iki, nk'aho ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha? 13Imana ya Aburahamu, Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebwe mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura. 14Ariko mweho mwihakana Uwera kandi Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi, 15wa Mukuru w'ubugingo muramwica; ariko Imana imuzura mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. 16Kandi uwu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry'uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi. Mbere ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese. 17Kandi none, bavukanyi, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n'ababaganza na bo ni uko. 18Ariko ivyo Imana yavugiye mu kanwa k'abavugishwa na yo bose bitaribwabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije ityo. 19Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu maso y'Umwami Imana, 20kugira ngo na yo izotume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu. 21Ariko ijuru rikwiye kumwakira, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bishasha, nk'uko Imana yavuze mu kanwa k'abera bayo yavugisha bose, uhereye mu ntango. " 22Mose koko yaravuze ati: "Uhoraho Imana azobahagurukiriza uwuvugishwa na we mu b'i wanyu ameze nkanje; uwo muzomwumvire mu vyo azobabarira vyose. " 23Kandi umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n'Imana, azorandurwa mu bantu. 24Mbere abavugishwa n'Imana bose, uhereye kuri Samweli n'abamukurikiye, abavuze bose baramenyekanishije ivyo iyi misi. 25Namwe muri abana b'abavugishwa n'Imana, kandi muri ab'isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu ati: "Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw'isi izoherwa umugisha. " 26Ni mwebwe Imana yatanguye gutumako Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngo abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.

will be added

X\