IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 28

1Tumaze gukira, tumenya ico kizinga yuko citwa Melita. 2Abanyamahanga badebagura baratugirira neza cane bitangaje, baducanira umuriro kubwo imvura n'imbeho vyariho, batwakira twese. 3Ariko Pahulo amaze gusenya umuganda w'inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko. 4Abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana bati: "Uwu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Iyidaca urwa nkunzi ntimukundiye ko abaho. " 5Ariko akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ico aba. 6Ba bandi barereka ko avyimba, canke ko agwa bukumbi; ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura bati: "Ni Imana. " 7Hafi y'aho hantu hari amatongo y'umukuru w'ico kizinga, yitwa Pubiliyo aratwakira, atuzimana neza imisi itatu. 8Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko kandi agacibwamwo amaraso. Maze Pahulo yinjira i we, arasenga; amurambikako ibiganza, aramukiza. 9Ivyo bibaye, abandi bari n'indwara bo muri ico kizinga baraza, arazibakiza. 10Baduha icubahiro mu buryo bwinshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bwato ivyo dukenye. 11Tuhamaze amezi atatu, tuvayo mu bwato bwari bwavuye muri Alekisanderiya, bwari bumaze iyo misi y'urushana ku kizinga. Ikimenyetso cabwo cari Imana z'Amahasa. 12Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu. 13Turahava, turazunguruka, dufata i Regiyo. Hashize umusi umwe umuyaga uturutse mu bumanuko urahuhuta, tugenda imisi ibiri, dufata i Puteyoli. 14Tuhasanga abavukanyi bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi indwi; uko ni ko twashitse i Roma. 15Abavukanyi b'i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n'ahitwa Amaduka Atatu. Pahulo ababonye ashima Imana, umutima urarema. " 16Tumaze gushika Roma, intwazangabo z'abasoda ijana ashikiriza imbohe intwazangabo z' abasoda bahora bacungera kwa Kayisari, ariko bakundira Pahulo kuba ukwiwe, ari kumwe n'umusoda amurinda. 17Imisi itatu iheze ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira ati: " "Bagabo bavukanyi, naho ntagize ikibi nakoze ku bwoko bwacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bampaye Abaroma ndi imbohe, bamvanye i Yerusalemu. " 18Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kuko ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha. 19Ariko Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko si uko mfise ico ndega ubwoko bwacu. 20Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonana; kuko ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uwu munyororo. 21Na bo baramwishura bati: "Nta vyete twaronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi mu bavukanyi baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngo akuvuge nabi. " 22Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kuko ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose. 23Basezerana na we umusi, baza iyo ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivyo ubwami bw' Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vyo abavugishwa n'Imana, ahera mu gitondo ashitsa ku mugoroba. 24Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibavyemera. 25Batemeranije ubwabo barataha, Pahulo asubiye kuvuga ijambo rimwe ati: "Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k'uwavugishwa n'Imana Yesaya, yabivuze neza, 26ati: 'Ja kuri ubwo bwoko ' Uti: "Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kuraba muzoraba, ariko ntimuzoruha muvyihweza. 27Kuko umutima w'ubu bwoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza. Ngo ntibarabishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Ndabakize. 28Nuko mumenye yuko ako gakiza k'Imana karungitswe ku banyamahanga, kandi abo bazokwumva. " "[ 29Amaze kuvuga atyo, Abayuda bagenda baharirizanya bikomeye. ] 30Amara mu nzu yiwe yirihira imyaka ibiri ikwiye, yama yakira abaje kumugendera bose, 31akabahanura mu vyo ubwami bw'Imana, akigisha ivyo Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza."

will be added

X\