IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 27

1Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Pahulo n'izindi mbohe babaha intwazangabo z'abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito. 2Dutambukira mu bwato bwavuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w'i Tesalonike. 3Bukeye bw'aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Pahulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane. 4Tuvayo, duca musi y'i Kupuro ngo tuhikinge umuyaga, kuko wari uduturutse imbere. 5Tujabutse ikiyaga gihereranye n'i Kilikiya n'i Pamfiliya, dufata mu gisagara c'i Lukiya citwa Mura. 6Iyo ntwazangabo y'abasoda ijana ahasanga ubwato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo. 7Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y'i Kinido bitugoye cane, maze umuyaga utubujije duca musi y'i Kirete, imbere y'i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga. 8Tujana inkengera bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y'igisagara citwa Laseya. 9Hashize igihe kirekire, kandi kujabuka kubaye irinde, kuko igihe co kwisonzesha cari gishize, Pahulo arabahanura, 10arababarira ati Yemwe bagabo, ndabonye yuko uru rugendo rugira rubemwo ivyago n'ubuhombe bwinshi, si ivyo ubwato n'ibirimwo gusa, ariko n'ivyo amagara yacu na yo. 11Ariko, intwazangabo z'abasoda yumvira uwutumbereza ubwato na nyene bwo kurusha ivyo Pahulo avuze. 12Kandi kuko icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagira inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara agatasi, hari icambu c'i Kirete, cerekeye hagati yo mu buraruko no mu buseruko, kandi hagati yo mu buseruko no mu bumanuko. 13Maze umuyaga uturutse mu bumanuko uhuhuse buhorobuhoro, bibwiye ko baronse ico bagomba, bazitura ubwato, bagenda bajana inkengera hafi cane y'i Kirete. 14Ariko igihe kitari kinini gishize, hatera umuyaga w'igihuhuta witwa Ewurakulo, uturutse kuri ico kizinga. 15Ubwato bumaze guhuhwa n'uwo muyaga, butagishobora gutumbera umuyaga, turabureka burakubebwa. 16Duca musi y'akazinga kitwa Kilawuda, tuhikinga umuyaga, tubona uko tuboha akato k'inyuma bitugoye cane; 17bamaze kugaterura, bakira ibitsibo vy'integakiba, babicisha musi y'ubwato, barabuboha, kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubwato, bagenda batyo bakubebwa. 18Tuzungagizwa cane n'igihuhuta, bukeye bw'aho bata imitwaro mu kiyaga. 19Kw'igenekerezo rya gatatu batesha amaboko yabo ibikoresho vyo mu bwato. 20Kandi izuba n'inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi gityo, twihebura rwose ko ata wuzokira. 21Bamaze igihe kirekire batakirya, Pahulo ahagarara hagati muri bo, arababarira ati: "Yemwe bagabo, mwari mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n'ubuhombe. " 22Kandi none ndabaremesha, ni muhumure, kuko muri mwebwe hatazopfa n'umwe, atari ubwato. 23Kuko muri iri joro umumarayika w'Imana, ndi uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, 24arambwira ati: "Nta co utinya, Pahulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kandi ehe Imana ikwemereye n'abo mugendanye bose. " 25Nuko ni muhumure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk'uko nabariwe. 26Ariko hari ikizinga dukwiye gusukwako. 27Ijoro ry'icumi na kane rishitse, dukubebwa irya n'ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubwato bakeka ko hari igihugu begereye. 28Bagera uburebure bw'amazi yo hasi, babona ingero mirongo ibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero icumi na zitanu. 29Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h'amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubwato babicishije mu mutwe w'inyuma; bifuza ko buca. 30Maze abasoza ubwato barondeye ingene bobuvamwo, bururukiriza ka kato mu kiyaga, bibonekesha nk'abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w'imbere. 31Pahulo abarira ya ntwazangabo y'abasoda ijana, hamwe n'abasoda na bo ati: "Aba ni bataguma mu bwato ntimushobora gukira. " 32Maze abasoda baca imigozi ifashe akato, ngo bakareke gakoroke. 33Bugira buce Pahulo arabinginga bose ngo barye ati: "None uwu musi ni uwugira icumi na kane mukirorereye mutarya, ata co mutamira. 34Nuko ndabinginze, ni murabe utwo murya; kuko ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu. " " 35Amaze kuvuga ivyo, yakira umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya. 36Bose basubiza umutima mu nda, na bo bararya. 37Kandi twese abari mu bwato twari abantu amajana abiri na mirongo irindwi na batandatu. 38Bamaze guhaga, baremurura ubwato, bata ingano mu kiyaga. 39Ijoro rikeye, ntibamenya ico gihugu, ariko babonye ikigobe kirimwo umusenyi, baja inama yuko boshobora gushikanaho ubwato. 40Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubwato, babirekera mu kuzimu; bariko barabikora, batenzura imigozi yari igumije ingafe zihindukiza ubwato, baduza igihuzu c'imbere kibugendesha ngo gihuhwe n'umuyaga, batumbereza ku musenyi. 41Ariko bashitse mw'ihuriro ry'amazi, basekura ubwato ku gataka, maze umutwe wabwo w'imbere winjiramwo, urahamangira, uwo inyuma na wo utangura kumenagurwa n'inkomezi z'imipfunda. " 42Inama y' abasoda kwari uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agatoroka. 43Ariko ya ntwazangabo y'abasoda, agomvye gukiza Pahulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yuko abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe, 44abandi na bo, bamwe bagende ku mbaho, abandi ku bindi bivuye mu bwato. Nuko bagenza batyo, bashika ku nkombe bose, barakira.

will be added

X\