IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 25

1Nuko Fesito ashikiriye intara amara gatatu, araheza ava i Kayisariya aduga i Yerusalemu. 2Abaherezi bakuru n'abahambaye bo mu Bayuda bamuregako Pahulo, baramwinginga, 3bamusaba kubagirira neza kuri uwo, ngo amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamwibundire bamutsinde mu nzira. 4Ariko Fesito abishura yuko Pahulo arindirwa i Kayisariya, kandi ubwiwe ko agiye kujayo vuba. 5Arababwira ati: "Nuko abakuru bo muri mwebwe ni bamanuke tujane, maze namba kuri uwo mugabo hari ikidakwiye, bakimurege. " 6Amaze muri bo imisi itarenga umunani canke icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bw'aho yicara ku ntebe y'imanza avuga ko bazana Pahulo. 7Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza. 8Pahulo ariregura ati: "Nta caha nakoze, ari ku vyagezwe vy'Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari. " 9Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Pahulo ati: "Wokwemera kuduga i Yerusalemu gucirirwayo urubanza rw'ivyo mu maso yanje? " 10Ariko Pahulo aramwishura ati: "Mpagaze aha imbere y'intebe y'imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. " Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza. 11Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa; ariko namba ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari. 12Fesito amaze kuja inama n'abacamanza, aramwishura ati: "Ko ugomvye kwitwara kuri Kayisari, imbere ya Kayisari ni ho uzoja. " 13Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito. 14Bamazeyo imisi myinshi, Fesito ashira imbere y'umwami ivya Pahulo ati: "Hariho umuntu Feliki yasize ari imbohe. 15Aho nari i Yerusalemu abaherezi bakuru n'abakuru b'Abayuda bambariye ivyiwe, basaba ko ndamucira urubanza. " 16Ndabishura nti: "Si umugenzo w'Abaroma gutanga umuntu uwo ari we wese, umuregwa atabanje kuba kumwe n'abamureze imbonankubone, no kubona uburyo bwo kwiregura ibirego bamureze. " 17Nuko bakoraniye hano, sinarinze guteba, ariko bukeye bw'aho nicara ku ntebe y'imanza, ndahamagaza uwo muntu. 18Abarezi bavuye hasi, ntibamurega ikirego na kimwe co mu bibi nakeka; 19ariko bamurega ibihari vyo mw'idini yabo, n'ivyo umuntu yitwa Yesu, yapfuye, uwo Pahulo yavuga ashimitse ko ari muzima. 20Nanje nzazaniwe ingene nobaza ivyo ivyo, ndamubaza yuko agomba kuja i Yerusalemu, gucirirwayo urubanza rw'ivyo. 21Ariko Pahulo asavye kurindwa kugira ngo azocirwe urubanza na Augusito, mvuga ko arindwa gushitsa aho nzomurungikira Kayisari. 22Agiripa yishura Fesito ati: "Nanje nagomba kwumva uwo muntu. " Na we ati: "Ejo uzomwumva. " 23Bukeye bw'aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw'ikoraniro ry'abashingantahe n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda n'abahambaye bo muri ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Pahulo. 24Nuko Fesito aravuga ati: "Mwami Agiripa, namwe mwese abo turi kumwe hano, murabona uwu, uwo ishengero ry'Abayuda bose bansabira i Yerusalemu bo n'ino, basemerera ngo ntagikwiye kubaho. " 25Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kandi ubwiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, nigira imigabo yo kumumurungikira. 26None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi canecane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika. 27Kuko ngira ngo n'ico ubwenge buke kurungika imbohe, sinerekane ibirego vyayo. "

will be added

X\