IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 24

1Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n'abakuru bamwe n'uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Pahulo ku cegera ca Kayisari. 2Amaze guhamagazwa, Teritulo atangura kumurega ati: "Ni ku bwawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n'ibindi vyaroranirijwe ubu bwoko kubwo imigabo yawe; 3nuko turavyemera uburyo bwose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane. " 4Reka simpave ndakurambira, ndakwinginze zirikana tuvuge amajambo make, kubwo ubugwaneza bwawe. 5Twabonye uwu muntu ari ikiza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we mukuru w'igice c'Abanazareti. 6Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twari tugomvye kumucira urubanza nk'uko ivyagezwe vyacu bivuga. 7Ariko umukuru w'intwazangabo z'abasoda Lusiya araza, amudushikura mu maboko, 8abarira abarezi biwe kuza imbere yawe. ] Nawe ni wamwibariza ubwawe urashobora kumenya ivyo tumureze vyose. " 9Abayuda na bo bafatanya na we muri ico kirego, bavuga ko ivyo ari ko biri. 10Icegera ca Kayisari kimaze kumukebura ngo avuge, Pahulo aramwishura ati: "Ndazi ko umaze imyaka myinshi uri umucamanza w'ubu bwoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye; 11kuko ushobora kumenya yuko imisi itararenga icumi n'ibiri, uhereye aho nadugiye i Yerusalemu gusengerayo. 12Kandi ntibasanze mparira n'umuntu n'umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu nsengero z'Abayuda canke mu gisagara. 13Kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe. 14Ariko iki ni co nkwemerera, ni uko uko iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n'ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy'abavugishwa n'Imana; 15mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n'ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw'abagororotsi n'abagabitanya. 16Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu. 17Maze imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushira ubwoko bwacu ivyo ubuntu, no gutanga ibimazi. 18Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n'urwamo ruriho. " Ariko hari Abayuda bamwe bavuye muri Asiya, 19ni bo bari bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya. 20Canke na bano na bo ni bavuge icaha bambonyeko, aho nari mpagaze imbere y'abacamanza, 21kiretse ryoba rya jambo rimwe navuze n'ijwi rirenga mpagaze muri bo nti: "Ukuzuka kw' abapfuye ni kwo kumpagaritse muri izi manza imbere yanyu uwu musi. " 22Ariko Feliki, kuko yari azi neza ivyo Iyo Nzira ivyo ari vyo, arabibika ati: "Lusiya umukuru w'intwazangabo z'abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw'amajambo yanyu. " 23Abarira intwazangabo y' abasoda ijana kumurinda ico amaso, no kutabuza n'umwe mu bagenzi kumukorera. 24Imisi mike ishize, Feliki azanana n'umugore wiwe Durusila w'Umuyudakazi, ahamagaza Pahulo, yumviriza ivyo avuga ku vyo ukwizera Kristo Yesu. 25Akiriko aravuga ivyo ukugororoka n'ivyo ukwirinda n'ivyo ubutungane azocibwa, Feliki acika intege, aramubarira ati: " "Ubu ni wigire, ni naronka uburyo bwiza nzogutumako. " 26Kandi yanaziga ko Pahulo yomuhera amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayage. 27Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akura Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Pahulo akiboshwe.

will be added

X\