IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 22

1Ati: "Yemwe bagabo bavukanyi kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebwe. " 2Bumvise ababariye mu Giheburayo, barushiriza gucereza. Aravuga 3ati: "Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso h'i Kilikiya, ariko nakuriye muri iki gisagara, nigishirizwa imbere y'ibirenge vya Gamaliyeli nk'uko uruhande rugoye rw'ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry'Imana, nk'uko namwe mwese murifise uwu musi. " 4Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha abagabo n'abagore nkabashira mu mabohero. 5Kandi n'umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y'ivyo, bo n'abacamanza bose. Ni bo bampaye amakete yandikiwe abavukanyi bacu b'i Damasiko, ikinjanyeyo ari ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure. 6Nuko nkigenda, nshitse hafi y'i Damasiko, hari nko mu mashoka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw'ijuru, unkayanganira irya n'ino. 7Nikubita hasi numva ijwi rimbaza riti: "Sawuli, Sawuli, umpigira iki? " 8Nanje ndabaza nti: "Uri nde ga Mwami? "Aranyishura ati: "Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo uriko urahiga. " 9Kandi n'abo twari kumwe umuco barawubonye, ariko ntibumva ijwi ry'uwo tuvugana. 10Ndamubaza nti: "Ngire nte ga Mwami? " Umwami aranyishura ati: "Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe ko uzokora. " 11Maze ubwiza bw'uwo muco bumpumishije, abo twari kumwe bamfata ukuboko, nshika i Damasiko. 12Umugabo yitwa Ananiya, yubaha Imana mu kwumvira ivyagezwe, yashimwa n'Abayuda bose babayo, 13aza aho ndi, ampagarara hejuru, arambarira ati: "Sawuli, muvukanyi, humuka. " Ako kanya ndahumuka, ndamuraba. 14Aravuga ati: "Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe, 15kuko uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise. 16None ikigutevya ni iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe. " 17Maze ngarutse i Yerusalemu, nariko ndasenga mu rusengero, mera nk'uwurota, 18ndamubona ambwira ati: "Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivyo unshingira intahe. " 19Nanje nti: "Mwami, na bo ubwabo barazi yuko nashira abakwizeye mw'ibohero, nkabatonagurira mu nsengero zose z'Abayuda. 20Kandi hamwe amaraso y'uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, ndabishimye, nsanze impuzu z'abamwica. " 21Aranyishura ati: "Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga. " 22Baramwumviriza gushitsa kuri iryo jambo; maze basemerera n'ijwi rirenga bati: "Kura uwumeze atyo mw'isi, na kare ntiyari abereye kubaho. " 23Bakiyogora, bata impuzu zabo, basurira umukungugu mu kirere, 24umukuru w'intwazangabo z'abasoda avuga ko bamwinjiza mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ababarira kumukubitisha ibimoko, kugira ngo amenye icatumye bamuvugiriza urwamo batyo. 25Bamaze kumubohesha imigozi, Pahulo abaza intwazangabo z'abasoda ijana ahagaze aho ati: "Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w' Umuroma, kandi ata rubanza rwamutsinze? " 26Iyo ntwazangabo ivyumvise, ija ku mukuru w'abasoda, irabimumenyesha iti: "Ugira ukore iki? Erega wa muntu ni Umuroma. " 27Uwo mukuru w'intwazangabo araza, aramubaza ati: "Mbarira, mbega uri Umuroma? " Na we ati: "Ego me. " 28Uwo mukuru aramubarira ati: "Jewe naguze ubwo buroma amahera menshi. " Pahulo ati: "Ariko jeho nabuvukiyemwo. " " 29Nuko abari bagiye kumucaca baca baramureka; umukuru w'abagabisha na we aratinya, amenye ko ari Umuroma, kandi yamuboshe. 30Ariko bukeye bw'aho, agomvye kumenya neza ico Abayuda bamurega ico ari co, aramubohora, agera ko abaherezi bakuru bakorana n'abacamanza bose, amanukana Pahulo amuhagarika imbere yabo."

will be added

X\