IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 2

1Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe. 2Haza igihinda kivuye mw'ijuru giturumbuka, nk'uguhuhuta kw'umuyaga w'inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. 3Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk'ivyo umuriro; bibajako umwumwe. 4Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga. 5I Yerusalemu hari Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bari baravuye mu mahanga yose yo musi y'ijuru. 6Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuko umuntu wese yumvise ururimi rw'i wabo baruvuga. 7Barumirwa bose, baratangara bati: "Mbega aba bose bavuga si Abanyagalilaya? 8Kandi ni igiki gitumye twese tubumva bavuga indimi z'i wacu izo twavukanye? 9Turi Abapariti, Abamedi, Abelamiti, abamye i Mesopotamiya, i Yudaya, i Kapadokiya, i Ponto, muri Asiya, 10i Furugiya, i Pamfiliya, mu Misiri, mu bihugu vy'i Libuwa bihereranye n'i Kureni, abo i Roma bagerereye ino, Abayuda, bo n'abatoye idini yabo, 11Abakirete n'Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy'Imana. " 12Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya bati: "Ibi ni ibiki? " 13Ariko abandi barabanegura bati: "Baborewe igisama. " 14Ariko Petero ahagararana na bamwe icumi n'umwe, avuga n'ijwi rirenga ati: "Yemwe Bayuda n'ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje. " 15Aba ntibaborewe nk'uko mwiyumvira, kuko ubu ari isaha zitatu z'umusi, 16ariko ivyo ni ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yoweli 17ati: "Bizoba mu misi y'iherezo, ni ko Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n'umubiri bose. Kandi abahungu n'abakobwa banyu bazovugishwa nanje, N'imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N'abatama banyu bazorota inzozi. " 18Mbere n'abasavyi banje b' abahungu n'abakobwa muri iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje. 19Nzoshira utwumiza hejuru mw'ijuru, N'ibimenyetso hasi kw'isi, Amaraso, umuriro no gupfunduka kw'umwotsi. 20Izuba rizocura umwiza, N'ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w'Uhoraho. 21Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry'Uhoraho azokizwa. 22Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yamubashimagirishije intahe ibitanganza, utwumiza n'ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk'uko mubizi ubwanyu; 23uwo muntu amaze gutangwa n'Imana ivyishakiye, irabimenye bitaribwabe, mumubambisha amaboko y'abagarariji, muramwica. 24Ariko Imana yaramuzuye, ibahoye imigozi y'urupfu, kuko bitashobotse ko rumugumya. 25Kuko Dawidi yavuze ivyo uwo ati: "Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, kuko ari i buryo bwanje, ngo sinyiganyige. " 26Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, Kandi n'umubiri wanje uzoruhukana ivyizigiro. 27Kuko utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngo azobore. 28Wamenyesheje inzira z'ubugingo, Mu maso hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza. 29Bagabo bavukanyi, si ikingora kubabarira ndavyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambwa, n'imva yiwe iri ngaha ino muri twebwe gushika n'ubu. 30Nuko, kuko yari uwavugishwa n'Imana, akamenya ko Imana yamurahiye indahiro, ko izoshira ku butware bwiwe uwamutse mu bura bwiwe, 31yavuze ivyo ukuzuka kwa Kristo abibonye bitaribwabe, yuko atarekewe mu kuzimu, kandi n'umubiri wiwe ata ho wigeze ubora. 32Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. 33Nuko amaze gushirwa hejuru n'ukuboko kw'i buryo kw'Imana, kandi ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, none asutse ico muriko murabona kandi mwumva. 34Kandi Dawidi ntiyaduze mw'ijuru, ariko ubwiwe yaravuze ati: "Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: ' Icara i buryo bwanje,' 35Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe. " 36Nuko abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yuko Imana yamugize Umwami na Kristo, ari we Yesu umwe mwabamba. 37Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n'izindi ntumwa bati: "Bagabo bavukanyi mbega tugire dute? " 38Petero arabishura ati: "Ni mwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw'izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera. 39Kuko isezerano ari iryanyu kandi ari iryo abana banyu, n'abari kure bose, abazohamagarwa bose n'Umwami Imana yacu. " 40Kandi ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanura ati: "Ni mwikize abo iki gihe kigoramye. " 41Nuko abemeye amajambo yiwe barabatizwa; abongewe kuri uwo musi ku bari basanzweho bari nk'ibihumbi bitatu. 42Bashishikara cane ivyo intumwa zigisha, kugira ubumwe, bamanyagura umutsima hamwe no gusenga. 43Umuntu wese aterwa n'ubwoba. Kandi utwumiza n'ibimenyetso vyinshi vyakorwa n'intumwa. 44Abizeye bose baba hamwe, basangira ivyabo vyose. 45Amatongo yabo n'ibintu vyabo barabigurisha, bakabibagabanganya bose, bakurikije ukuntu umuntu wese akenye. 46Kandi imisi yose bashishikara kuja mu rusengero n'umutima uhuye, kandi i wabo bamanyagura umutsima, bakarya banezerewe n'imitima itagira akarohe, 47bahimbaza Imana, kandi na bo bashimwa n'abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.

will be added

X\