IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 18

1Hanyuma y'ivyo Pahulo ava muri Atenayi, aja i Korinto. 2Abonye Umuyuda yitwa Akwila, amamuko yiwe ni i Ponto, yari avuye muri Italiya muri iyo misi, bo n'umugore wiwe Purisikila, kuko Kilawudiyo yari yageze ko Abayuda bose bava i Roma; Pahulo aja aho bari. 3Kandi kuko bari bahuje ubuhinga, abana na bo, barunganiranira, kuko ubuhinga bwabo bwari ubwo kujisha amahema. 4Aharirira n'abaho mu rusengero rw'Abayuda amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n'Abagiriki. 5Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Pahulo agoberwa n'ijambo ry'Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo. 6Na bo babiharirije batyoza, akunkumura impuzu ziwe, arababarira ati: "Amaraso yanyu araba ari mwebwe akora! Jeho ndacuna; guhera ubu ndaja ku banyamahanga. " 7Avaho, yinjira mu nzu y'umuntu yitwa Tito Yusito, yubaha Imana, inzu yiwe yari ihereranye n'urusengero rw'Abayuda. 8Ariko Krisipo, umukuru w'urusengero, yizerana Umwami Yesu n'abo mu nzu yiwe bose; n'Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa. 9Maze Umwami Yesu abarira Pahulo mw'ijoro nko mu nzozi ati: "Ntutinye, ariko uvuge, ntucereze, 10kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara. " 11Amarayo umwaka n'amezi atandatu, yigisha ijambo ry'Imana muri bo. 12Maze Galiyo abaye icegera ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuza inama bakurira hasi Pahulo, bamujana imbere y'intebe y'imanza 13bati: "Uwu muntu yemeza abantu gusenga Imana uburyo bunyuranye n'ivyagezwe. " 14Pahulo ariko arahaga amatama, Galiyo abwira Abayuda ati: "Iyo haba hari habonetse ibirego vy'icaha, canke ikibi kigoye, yemwe Bayuda, hari kuboneka inyanduruko yuko ndabihanganira kubumva; 15ariko ko ari ibihari vy'amajambo n'ivyo amazina n'ivyo ivyagezwe vyanyu ubwanyu, ni mubimare ubwanyu. Jeho singomba guca urubanza rwa bene ivyo. " " 16Abirukana imbere y'intebe y'imanza. 17Abagiriki bose basumira Sositene, umukuru w'isengero ry'Abayuda, bamukubitira imbere y'intebe y'imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara. 18Hanyuma y'ivyo Pahulo amarayo iyindi misi myinshi, maze asezera abavukanyi, avudukayo ari mu bwato ngo aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwimoshereza i Kenkireya; kuko yari mw'isezerano. 19Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mu rusengero rw'Abayuda, aharira n'Abayuda. 20Bamwinginze ngo amareyo iyindi misi ntiyabakundira. 21Ariko asezerana na bo ati: " "Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. " Avuduka muri Efeso ari mu bwato. 22Afashe i Kayisariya, araduga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya. 23Amazeyo imisi avayo, aca mu gihugu c'i Galatiya n'i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose. 24Maze Umuyuda yitwa Apolo, amamuko yiwe ni muri Alekisanderiya, yari umuntu w'ubwenge, ashika muri Efeso; yari Umunyabushobozi mu vyanditswe. 25Uwo yari yigishijwe inzira y'Umwami wacu, acanirwa mu mutima n'umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yari azi umubatizo wa Yohana gusa. 26Atangura kuvugira mu rusengero rw'Abayuda ashize amanga. Maze Purisikila na Akwila bamwumvise, bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y'Imana. 27Agomvye kujabuka ngo aje muri Akaya, abavukanyi baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwakire. Na we ashitseyo, ubuntu bw'Imana bumutera gufasha cane abizeye; 28kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y'abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.

will be added

X\