IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 17

1Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hariho isengero ry'Abayuda y'Abayuda. 2Nuko Pahulo, nk'uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe, 3abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yari uwo kubabazwa, no kuzuka mu bapfuye; kandi ati: "Yesu, uwo ndababwira, ni we Kristo. " 4Bamwe muri bo birabemeza, bifatanya na Pahulo na Sila, n'ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n'uko, no mu bagore b'icubahiro batari bake. 5Ariko Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b'imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigumuko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukuramwo Pahulo na Sila, ngo babashikirize abantu. 6Bababuze, bakwegera Yasona n'abavukanyi biwe bamwe imbere y'abaganza igisagara, barasemerera bati: "Abateye isi yose umugumuko bashitse n'ino, 7kandi Yasona yabahaye indaro. Abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko hariho uwundi mwami, ngo ni Yesu. " " 8Ishengero rihakoraniye n'abaganza igisagara bahagarika imitima bumvise ivyo, 9nuko baka Yasona n'abandi ingwati, barabarekura. 10Nuko abavukanyi baca banyuruza Pahulo na Sila mw'ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mu rusengero rw'Abayuda. 11Ariko abo bo bari imico myiza kuruta abo i Tesalonike, kuko bakiriye ijambo ry'Imana n'umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yuko ivyo ari ivyo ukuri. " 12Nuko benshi muri bo barizera, n'abagore b'icubahiro b'Abagirikikazi n'abagabo batari bake. 13Ariko Abayuda b'i Tesalonike bamenye yuko ijambo ry'Imana rivugwa na Pahulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima. 14Uwo mwanya abavukanyi biwe banyuruza Pahulo ngo ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo. 15Kandi abaherekeje Pahulo bamugejeje muri Atenayi; maze babariwe kubwira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo ningoga, basubira inyuma. 16Ariko Pahulo akibarindiriye muri Atenayi, umutima wiwe utunturira muri we abonye ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana. 17Nuko aharirira n'Abayuda n'abubaha Imana mu rusengero rw'Abayuda imisi yose, no mu kaguriro yahaharirira n'abamusangaho. 18Maze bamwe mu banyabwenge bitwa Abepikureyo, n'abandi bitwa Abasitoyiko bahura na we. Bamwe muri bo barabazanya bati: "Mbega uwu adedemba agomba kuvuga ibiki? " Abandi bati: "Umenga ni uwuzanye imana z'ivyaduka; kuko yavuga ubutumwa bwiza bwa Yesu n'ubwo ukuzuka. 19Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza bati: "Mbega ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga uko ari kwo? 20Kuko utuzanye mu matwi ibintu vy'ivyaduka; none rero turagomba kumenya ivyo ari vyo. " 21Kuko Abanyatenayi bose n'ab' akavantara bariho, batagira ikindi bakora, atari ukwumva canke kudonda amakuru mashasha. 22Pahulo ahagarara hagati muri Areyopago, aravuga ati: "Bagabo bo muri Atenayi, ndabonye muri vyose ko mukobeje kwubaha imana zanyu. 23Kuko aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n'igicaniro canditsweko, ngo ico IMANA ITAZWI. Nuko iyo musenga mutayizi, ni yo ndababarira. 24Imana Rurema, yaremye isi n'ibirimwo vyose, iyo, kuko ari yo Mwami w'ijuru n'isi, ntiba mu nsengero zubatswe n'amaboko, 25kandi ntikorerwa n'amaboko y'abantu, nk'uwuri n'ico akenye; kuko ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n'ibindi vyose. 26Kandi yaremye amahanga yose y' abantu, ibakuye mu muntu umwe, ngo bacumbike mw'isi yose, yashinze ibihe vy'imyaka ko bikuranwa uko yageze, icira abantu imbibe z'aho baba, 27kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, naho itari kure y'umuntu n'umwe muri twebwe. 28Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n'ubugingo; nk'uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bavuze bati: 'Kuko natwe, turi uruvyaro rwayo.' 29Nuko rero, ko turi uruvyaro rw'Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana isa n'izahabu, canke ifeza, canke amabuye, ivyabajwe n'ubuhinga n'ubwenge bw'abantu. 30Nuko iyo misi y'ubutamenya, Imana yarayirengagije, ariko noneho, itegeka ko abantu bose bari hose bihana, 31kuko yashinze umusi wo gucirako isi yose imanza z'ukuri, izozicisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyetso c'ivyo, mu kumuzura imukuye mu bapfuye. " 32Maze bumvise ivyo ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati: "Tuzoba turumva ukundi ivyo utubarira kuri ivyo. " 33Nuko Pahulo ava muri bo. 34Ariko abagabo bamwe bifatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n'umugore yitwa Damari, hamwe n'abandi.

will be added

X\