IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 16

1Nuko ashika i Derube n'i Lusitira; hariyo umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w'umugore w'Umuyudakazi yizeye, ariko se yari Umugiriki; 2yashimwa n'abavukanyi b'i Lusitira no muri Ikoniyo. 3Pahulo agomba ko bajana n'uwo aramwakira amuhimbura igikoba c'ubugabo, kubwo Abayuda bo muri izo ntara, kuko bose bari bazi yuko se yari Umugiriki. 4Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababwira ivyo intumwa n'abakuru b'i Yerusalemu bashinze, ngo bavyitondere. 5Nuko amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose. 6Baca mu gihugu c'i Furugiya n'i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry'Imana muri Asiya. 7Bashitse ahabangikanye n'i Musiya, bagerageza kuja i Bituniya, Mpwemu wa Yesu ntiyabakundira; 8baca i Musiya baramanuka, bashika i Tirowa. 9Maze Pahulo arota inzozi mw'ijoro, abona umugabo w'i Makedoniya ahagaze amwinginga ati: "Jabuka uze i Makedoniya, udutabare. " 10Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yuko Imana iduhamagariye kubabwira ubutumwa bwiza. " 11Nuko tuvuduka i Tirowa mu bwato, turaramiriza tuja i Samotirake, bukeye bw'aho dushika i Neyapoli, 12tuvuyeyo dushika i Filipi igisagara gikuru co mu ntara y'i Makedoniya, cubatswe n'Abaroma. Tumara imisi muri ico gisagara. 13Ku musi w'isabato turenga irembo ry'igisagara, tuja ku ruzi, dukeka ko hobayo ahahora hasengerwa. Turicara, tuyaga n'abagore bahakoraniye. 14Umugore umwe yitwa Ludiya yubaha Imana, umudandaza w'impuzu zitukura z'igiciro kinini, wo mu gisagara citwa Tuwatira, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngo awushire ku vyo Pahulo yavuga. 15Amaze kubatizanywa n'abo mu nzu yiwe, aratwinginga ati: " "Asangwa mubonye ndi uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. " " Aratugobera. 16Bukeye tugiye aho basengera, duhura n'umwigeme arimwo dayimoni aragura, yari atungishije ba shebuja cane kubwo iyo ndagu. 17Uwo aradukurikira twebwe na Pahulo, asemerera ati: " "Aba bantu ni abasavyi b'Imana Isumbavyose, kandi bababarira inzira y'agakiza. " 18Amara imisi myinshi agenza atyo. Ariko Pahulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni ati: "Ndakubariye mw'izina rya Yesu Kristo, muvemwo. " Amuvamwo muri ako kanya. 19Maze ba shebuja babonye yuko ico bazigako inyungu kivuyeho, bafata Pahulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y'abashingantahe, 20babashira abacamanza bati: "Aba bantu bahagarika imitima y'abo mu gisagara cacu, kandi ari Abayuda; 21batuzanira imigenzo tuzira kwemera canke gukora, twebwe turi Abaroma. " 22Ishengero ribahagurukira icarimwe, abacamanza babatabagurirako impuzu, bagera ko babakubita. 23Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw'ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane. 24Na we abariwe atyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z'ibiti. 25Maze nko mu gicugu Pahulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva, 26isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y'inzu y'ibohero anyiganyiga, ako kanya imyango yose iruguruka, iminyororo ya bose iradohoka. 27Uwo murinzi yikanguye, abonye imyango y'ibohero yuguruye, asokora inkota agira yiyahure, kuko yagira ngo imbohe zatorotse. 28Ariko Pahulo asemerera n'ijwi rirenga ati: "Ntiwigirire nabi, twese turi hano. " 29Ahamagaza imuri, yitera mu nzu, ari mu gatengo k'ubwoba, yikubita imbere ya Pahulo na Sila, 30arabasohokana, arababaza ati: "Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire? " 31Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n'abo mu nzu yawe. " 32Bamubarira ijambo ry'Umwami Yesu, n'abo mu nzu yiwe bose. 33Muri ico gihe nyene c'ijoro arabajana, abuhagira inguma z'inkoni, aca arabatizwa, bo n'abiwe bose. 34Arabadugana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n'abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana. 35Ijoro rikeye, abacamanza batuma abagendanyi bati: "Rekura abo bantu. " 36Umurinzi w'imbohe abarira Pahulo ayo majambo ati: "Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwigire amahoro. " 37Ariko Pahulo arabishura ati: "Ko badukubitiye imbere y'ishengero, ata kidutsinze, kandi turi Abaroma, bakadushira mw'ibohero; none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubwabo badusohore. " 38Abo bagendanyi babarira abacamanza ayo majambo; na bo baratinya, bumvise ko ari Abaroma, 39baraza, babakomera ibobo, barabasohora, babinginga kuva muri ico gisagara. 40Bavuye mw'ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona abavukanyi, barabahanura, bavayo.

will be added

X\