IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 13

1Kandi muri Antiyokiya, mw'ishengero ryaho, hari abavugishwa n'Imana n'abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n'umwami Herode, hariho na Sawuli. 2Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga ati: "Ni mundobanurire Barunaba na Sawuli bankorere igikorwa nabahamagariye. " " 3Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitseko ibiganza, barabarungika. 4Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavayo bari mu bwato bafata i Kupuro. 5Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry'Imana mu nsengero z'Abayuda. Kandi bari bafise Yohana agenda arabakorera. 6Bararamiriza baca muri ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangayo umugabo w'umukinzi, umuraguzi w'ibinyoma, yari Umuyuda, izina ryiwe ni Bari-Yesu; 7yagendanira Serugiyo Pahulo, icegera ca Kayisari, umuntu w'ubwenge. Uwo ahamagaza Barunaba na Sawuli, ashaka kwumva ijambo ry'Imana. 8Ariko Eluma, uwo mukinzi (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahaririza, ashaka guhuvya ico cegera ngo nticizere. 9Ariko Sawuli ari we Pahulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso 10ati: " "Wewe wuzuye ubugunge bwose n'ububi bwose, wa mwana w'Umurwanizi we, wa mwansi w'ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z'Umwami Imana zigororotse? " 11Nuko raba, ukuboko kw'Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. " Ako kanya igipfungu n'umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko. 12Ico cegera kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n'ivyo cigishijwe vy'Umwami Yesu. 13Maze Pahulo n'abari kumwe na we bava i Pafo bari mu bwato, bafata i Peruga muri Pamfiliya. Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu. 14Ariko bo bava i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h'i Pisidiya; ku musi w'isabato binjira mu rusengero rw'Abayuda, baricara. 15Isomwa ry'ivyagezwe n'ivyo abavugishwa n'Imana riheze, abakuru b'urusengero rw'Abayuda batuma kuri bo bati: " "Bavukanyi, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu, ni murivuge. " 16Pahulo ava hasi, arabamama, arababarira ati: "Yemwe bagabo b'Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve. " 17Imana y'ubu bwoko bw'Abisirayeli yatoranije ba sogokuruza, kandi ishira abantu hejuru hamwe bari abanyamahanga mu gihugu ca Misiri, ikabakuzayo ukuboko gukomeye. 18Yihanganira ingeso zabo nk'imyaka mirongo ine mu bugaragwa. 19Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu c'i Kanani, ibegurira ico gihugu cabo kuba inyegu yabo. Maze nk'imyaka amajana ane na mirongo itanu ishize, 20ibaha abacamanza, gushitsa ku wavugishwa n'Imana Samweli. 21Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sawuli umwana wa Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku butware imyaka mirongo ine. 22Imukuye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe iti: "Ndabonye Dawidi umwana wa Isayi umuntu ameze nk'uko umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose. 23Mu ruvyaro rw'uwo, nk'uko Imana yasezeranye, yazaniye Abisirayeli Umukiza, ni we Yesu. 24Ataraza, Yohana yari yigishije ubwoko bwose bw'Abisirayeli ukubatizwa kwo kwihana. " 25Ariko Yohana ariko arasozera urugendo rwiwe, arababaza ati: "Mbega mwiyumvira ko ndi nde? " Jewe sindi we. Mugabo hari uwuzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura ibirato vyo mu birenge vyiwe. 26Bagabo bavukanyi, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry'ako gakiza ni twebwe ryatumweko. 27Kuko ababa i Yerusalemu n'abakuru babo batamumenye, canke amajambo y'abavugishwa n' Imana asomwa ukw'isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bavugishijwe, hamwe bamutsindisha. 28Kandi naho babuze inyanduruko yo kumwicisha, basaba Pilato ko amwica. 29Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva. 30Ariko Imana iramuzura mu bapfuye. 31Imisi myinshi abonekera abari baraduganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y'abantu. 32Natwe turababwira ubutumwa bwiza bw'ivyasezeraniwe ba sogokuruza, 33yuko Imana yabishikije kuri twebwe abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ngo uri Ubura bwanje, uwu musi ndakuvyaye. 34Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw'iborero, yavuze itya iti: "Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho. " 35No muri Zaburi yindi yavuze, ngo ntuzotanga Uwera wawe ngo azobore. 36Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivyo Imana igomba, arasinzira, arapfa, arabora. 37Ariko uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora. 38Nuko bagabo bavukanyi, ni mumenye ko muri uwo ari ho mubwirirwa ivyo uguharirwa ivyaha; 39kandi ni we ahindura intungane uwumwizera wese kuri vyose, ivyo mutashoboye guhindurwa intungane n'ivyagezwe vya Mose. 40Nuko mwirinde, ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana ntibibashikeko, 41ngo raba mwa banyagakengere, mutangare, muzimangane, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, naho umuntu yokibasobanurira. 42Bariko barasohoka, barabinginga ngo ayo majambo azovugwe no kw'isabato izoza. 43Abari mu rusengero rw'Abayuda bamaze gusabagira, benshi mu Bayuda bo n'abatoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Pahulo na Barunaba; na bo bayaga na bo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw' Imana. 44Kw'isabato ikurikira iyo, hakorana nk'abo mu gisagara bose kwumva ijambo ry'Imana. 45Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakana ivyo Pahulo avuze, barabicokora. 46Pahulo na Barunaba bavuga bashize amazinda bati: "Vyari bibereye kw'ijambo ry'Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukicira urubanza uko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e duhindukiriye abanyamahanga. " 47Kuko Umwami Imana ari ko yatubariye ati: "Ndagushizeho ngo ube umuco w'amahanga, Kugira ngo n'abo ku mpera y'isi ubashikirize agakiza. " 48Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry'Imana; abari baragerewe ubugingo budashira bose barizera. 49Ijambo ry'Umwami Yesu rikwira muri ico gihugu cose. 50Ariko Abayuda bosha abagore b'icubahiro bubaha Imana, n'abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadenderezo Pahulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo. 51Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo. 52Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.

will be added

X\