IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 11

1Intumwa n'abavukanyi biwe bari i Yudaya bumva yuko abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry'Imana. 2Maze Petero aduze i Yerusalemu, abo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo baramutonganya 3bati: "Ko winjiriye abatahimbuwe igikoba c'ubugabo, ugasangira na bo ! " 4Maze Petero atangura kubasobanurira uko bikurikirana 5ati: "Nari mu gisagara c'i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw'ijuru, kimeze nk'uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi. 6Ndagihanga amaso, ndacitegereza, mbonamwo ibigenza amaguru ane vyo kw'isi, ibikoko vyo mw'ishamba, ibikwega inda hasi n'ibiguruka vyo mu kirere. 7Kandi numva ijwi rimbarira riti: 'Va hasi, Petero, ubage urye.' 8Nanje nti: 'Oyaye, Mwami, kuko ata kizira canke igihumanya cigeze kija mu kanwa kanje.' 9Maze ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw'ijuru riti: 'Ivyo Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.' 10Biba bityo gatatu, biraduzwa vyose, bisubizwa mw'ijuru. 11Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y'inzu turimwo. 12Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi n'abo bavukanyi, uko ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y'uwo mugabo. 13Atwiganira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira ati: 'Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero, 14azokubarira amajambo yo kugukizanya n'abo mu nzu yawe bose.' 15Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk'uko yatumanukiyeko ubwa mbere. " 16Nibuka rya jambo ry'Umwami Yesu, uko yavuze ati: "Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera. " 17None ko Imana yabahaye ingabire imwe n'iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe ndi igiki gishobora gutangira Imana? 18Bumvise ivyo barihorera, bahimbaza Imana bati: "Noneho rero Imana ihaye n'abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo. " 19Nuko abasabagijwe n'amarushwa yabaye kubwo ivya Stefano baragenda, bashika i Foyinike, i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry'Imana atari Abayuda bonyene. 20Ariko hari bamwe muri bo b'abagabo bavuye i Kupuro n'i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n'Abagiriki na bo, bababwira ubutumwa bwiza bw'Umwami Yesu. 21Ukuboko kw'Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami. 22Inkuru yabo ishika mu matwi y'ishengero ry'i Yerusalemu, batuma Barunaba ngo ashirwe ashitse muri Antiyokiya. 23Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bw'Imana, biramunezereza, arabahanura bose ngo bafate ingingo mu mitima yo kwifatanya ubutakivana n'Umwami Yesu. 24Kuko yari imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n'ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu. 25Avayo, aja i Taruso kurondera Sawuli, 26amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamarayo umwaka wose, bakorana n'ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristo. 27Muri iyo misi, abavugishwa n'Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya. 28Umwe muri bo yitwa Agabo ava hasi abamenyesha, avugishijwe na Mpwemu yuko ikigoyi cinshi kizotera mw'isi yose. Ico yavuga ni kimwe catera ku butware bwa Kilawudiyo. 29Maze abigishwa, umuntu wese nk'uko atunze, bashinga kurungikira abavukanyi babo baba i Yudaya ivyo kubatabara. 30Babigenza batyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sawuli.

will be added

X\