IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 10

1I Kayisariya hari umuntu yitwa Koruneliyo, intwazangabo z'abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya. 2Yari umuntu yubaha Imana akayitinyana n'abo mu nzu yiwe bose, yarafasha cane abagowe, agasenga Imana ubudasiba. 3Abona yeretswe imbonankubone, umumarayika w'Imana yinjiye i we hari nk'isaha icenda z'umurango, aramuhamagara ati: "Koruneliyo. " 4Na we amukanurira amaso, afise ubwoba, aramubaza ati: "Ni iki ga Mwami? " Aramwishura ati: "Ugusenga kwawe n'ubuntu bwawe vyaduze biba icibutso imbere y'Imana. 5None rero tuma abantu i Yopa, utumeko umuntu yitwa Simoni, ari we Petero; 6yatse indaro kwa Simoni umubamvyi w'insato, urugo rwiwe ruri i ruhande y'ikiyaga. " " 7Umumarayika vyavugana amaze kugenda, Koroneliyo ahamagara babiri bo mu bakozi biwe, n'umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira. 8Ahejeje kubiganira vyose, abatuma i Yopa. 9Bukeye bw'aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yurira hejuru mw'igorofa gusenga, hari nk'isaha zitandatu. 10Yumva arashonje, agomba kurya. Bakibirondera, amera nk'uwurota. " 11Abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk'uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi, 12harimwo ubwoko bwose bw'ibigenza amaguru ane, ibikwega inda hasi vyo kw'isi n'ibiguruka vyo mu kirere. 13Haza ijwi, riramubarira riti: "Va hasi, Petero, ubage, urye. " 14Petero ati: "Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira canke igihumanya. " 15Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira riti: "Ivyo Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira. " 16Biba bityo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw'ijuru. 17Petero akizazaniwe mu mutima n'ivyo abonye yeretswe ivyo ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw'irembo, 18barahamagara, babaza yuko Simoni ari we Petero ari ho yatse indaro. 19Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira ati: "Hari abantu batatu bariko barakurondera. 20None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kuko ari jewe ndabatumye. " 21Petero arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira ati: "Ni jewe uwo murondera. Mbega mugenzwa ni iki? " 22Baramwishura bati: "Koruneliyo, intwazangabo z'abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n'ubwoko bwose bw'Abayuda, yabariwe n'umumarayika yera kugutumako, ngo uze i we, yumve amajambo yawe. " " 23Maze arabinjiza, abaha indaro. Bukeye bw'aho, Petero arikora, avanayo na bo, n'abavukanyi bamwe b'i Yopa bajana na we. 24Bukeye bw'aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yari abiteze, yakoranije incuti ziwe n'abakunzi bo ku mutima. 25Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe, aramupfukamira. 26Maze Petero amukura hasi ati: " "Va hasi, nanje ndi umuntu nkawe. " 27Bakivugana, arinjira asanga abakoraniyeho benshi, 28arababwira ati: "Ubwanyu murazi yuko kizira ko umuntu w'Umuyuda yifatanya n'uwo ubundi bwoko, canke ko amugendera; ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira canke igihumanya. 29Ni co catumye nza, ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ico ari co. " 30Koruneliyo ati: "Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ari isaha icenda, ndi mu nzu yanje; maze umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana, 31arambwira ati: 'Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n'ubuntu bwawe bwibutswe imbere y'Imana.' 32Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero. Yatse indaro mu rugo kwa Simoni umuhinguzi w'insato, i ruhande y'ikiyaga. 33Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse ko uje. None rero twese turi hano imbere y'Imana, kwumva ivyo Umwami Imana yakugeze kutubwira vyose. " 34Petero yanzika kuvuga ati: "Ni ukuri ni ho nkimenya yuko Imana itarobanura abantu ku butoni, 35ariko mu mahanga yose uwubaha, agakora ivyo ukugororoka, iramwemera. 36Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bwiza bw'amahoro, ni we Mwami wa bose; 37iryo jambo mwebwe murarizi, ryamamaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y'umubatizo uwo Yohana yigishije; 38rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingene Imana yamusutseko Mpwemu Yera n'ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa mugarariji atwaza amanyama, kuko Imana yari kumwe na we. " 39Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo umwe bishe, bamumanitse ku giti yakoze vyose mu gihugu c'Abayuda bo n'i Yerusalemu. 40Uwo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza, 41si imbere y'abantu bose, ariko imbere y'ivyabona vyatoranijwe n'Imana ivyo bitarabaho, ni twebwe, abasangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye. 42Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashinze kuba Umucamanza w'abariho n'abapfuye. 43Abavugishwa n'Imana bose bamushingiye intahe, bavuga yuko uwumwizera wese azoharirwa ivyaha ku bwo izina ryiwe. 44Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose. 45Abizeye bo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo barumirwa, abazananye na Petero uko bangana, kuko n'abanyamahanga na bo basutsweko ingabire, ari yo Mpwemu Yera. 46Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza 47ati: "Mbega hari uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe? " 48Avuga ko babatizwa mw'izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngo amareyo imisi.

will be added

X\