IGITABO C' IVYAKOZWE N'INTUMWA 1

1Teyofilo we, muri ca gitabo ca mbere nanditse, mvuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose, 2gushitsa ku musi yadugijwe mw'ijuru, ahejeje gusigarana amategeko intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije. 3Kandi amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongo ine, avuga ivyo ubwami bw'Imana. 4Maze akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu ati: "Ariko murorere isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye. 5Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera." 6Nuko bakoranye, baramubaza bati: "Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ubutware bw'Abisirayeli?" 7Arabishura ati: "Si ivyanyu kumenya imisi canke ibihe Data yashinze n'ububasha bwiwe wenyene; 8ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya hose, i Samariya no gushitsa ku mpera y'isi. " 9Amaze kuvuga atyo, aduzwa babona. Igicu kimukura mu maso yabo. 10Bagihanze amaso mw'ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo; 11barababaza bati: "Yemwe bagabo b'i Galilaya, ni iki gitumye muhagaze muraba mw'ijuru? Uwo Yesu, abakuwemwo, akaduzwa mw'ijuru, azoza atyo, nk'uko mumubonye aja mw'ijuru. " 12Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y'i Yerusalemu nk'urugendo rwemewe kugendwa kw'isabato. 13Bashitseyo, barurira baja mw'igorofa hejuru, aho bari batse indaro, ari Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Barutolomayo, Matayo, Yakobo umwana wa Alufayo, Simoni Zelote na Yuda umwana wa Yakobo. 14Abo bose basenga badahumeka n'umutima uhuye, hamwe n'abagore, na Mariya nyina wa Yesu, hamwe n'abavukanyi biwe ba Yesu. 15Muri iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati y'abavukanyi biwe, (hari hakoraniye ishengero ry'abantu nk'ijana na mirongo ibiri), aravuga 16ati: "Bagabo bavukanyi, ivyanditswe Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, ntivyobuze gushika, ingene yarongoye abaja gufata Yesu, 17kuko yari yaharuwe muri twebwe, agahabwa umugabane w'iki gikorwa. " 18(Kandi uwo muntu amaze kugura ubwatsi ku vyo yahaweko ikiguzi co kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose araseseka. 19Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubwo bwatsi mu rurimi rwabo babwita Akelidama, risobanurwa ngo Ubwatsi bw'amaraso. ) 20Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngo I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba, kandi ngo Ububwiriza bwiwe busubiremwo uwundi. 21Nuko muri abo bagabo twahora tugendana uko bukeye uko bwije igihe cose Umwami Yesu yari akiri muri twebwe, 22utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukuriwemwo, aduganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe. 23Bahagarika babiri, umwe ni Yosefu ari we Barusaba, irindi ni Yusito, uwundi na we ni Matiya. 24Barasenga bati: "Mwami, ni wewe uzi imitima y'abantu bose, none werekane uwo utoranije muri aba bompi 25gusubira mu gishingo ca Yuda muri iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe. " 26Bakoresha ubupfindo, bwerekana Matiya, nuko aharuranwa n'intumwa icumi n'imwe.

will be added

X\