YOHANA RYA GATATU 1

1Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy'ukuri. 2Mukundwa, ndagusengera ngo umererwe neza muri vyose, uhore uhangamye, nk'uko ubugingo bwawe bumerewe neza. 3Kuko nanezerewe cane hamwe abavukanyi baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuko ugendera mu kuri. 4Nta wundi munezero mfise uruta uwu, kwumva ko abana banje bagendera mu kuri. 5Mukundwa, wama uyoboka mu vyo ukorera abavukanyi vyose, kandi ari abanyamahanga; 6na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y'ishengero. Kandi uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab' Imana. 7Kuko bavuye i wabo kubwo Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga. " 8Nuko twebwe dukwiye kwakira neza abameze batyo, kugira ngo dufatanye n'ukuri gukora igikorwa. 9Hari ico nandikiye ishengero, ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera. 10Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivyo akora, atuvuga amajambo mabi y'ubupfu, kandi ntagarukiza kuri ivyo gusa, ariko ubwiwe ntiyakira abavukanyi, n'ababigomba arababuza, akabaca mw'ishengero. " 11Mukundwa, ntukigane ikibi, ariko wigane iciza. Uwukora ivyiza ni we w'Imana; uwukora ibibi ntiyabonye Imana. 12Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n'ukuri ubwakwo kurayimushingira, natwe nyene turayimushingira. Nawe urazi ko ivyo dushingira intahe ari ivyo ukuri. 13Nari mfise vyinshi vyo kukwandikira, mugabo singomba kukwandikishiriza ubwino n'ikaramu; 14ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone. 15Amahoro abane nawe. Abakunzi barakuganutsa. Untahirize abakunzi, uko amazina yabo angana. "

will be added

X\