TIMOTEYO RYA KABIRI 4

1Ndakwihanikiririza mu maso y'Imana no mu ya Kristo Yesu azocira urubanza abazoba bariho n'abazoba bapfuye, kandi no kubwo kuzoboneka kwiwe n'ubwami bwiwe. 2Uvuge ijambo ry'Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure, mu kwihangana kwose no mu kwigisha. 3Kuko igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kuko amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n'ukwifuza kwabo, 4kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y'ibinyoma. 5Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c'umuvuzi w'ubutumwa bwiza, ushitse igikorwa c'ibango ryawe. 6Kuko jeho n'ubu ndiko ndasukwa nk'ibisukwa ku gicaniro, igihe co kwitahira kwanje kirashitse. 7Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera. 8Ibisigaye mbikiwe igitsibo c'ukugororoka ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi kandi si jewe jenyene nzogihabwa ariko kandi n'abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabwa. 9Gira umwete wo kuza aho ndi vuba. 10Dema yarantaye, kuko akunze ivyo iyi y'ubu, yigira i Tesalonike. Keresikenti yagiye i Galatiya Tito nawe i Dalumatiya. 11Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kuko angirira ikimazi mu gikorwa c'ibango ryanje. 12Ariko Tukiko namurungitse muri Efeso. 13Aho uzozira uranzanira impuzu yo kwipfuka nasize i Tirowa kwa Karupo, n'ibitabo, kandi canecane uzozane ivyo insato. 14Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n'ivyo yakoze. 15Nawe umwirinde kuko yarwanije amajambo yacu cane. " 16Mw'iburana ryanje rya mbere nta wanyunganiye, ariko bose barantaye; icompa ntibabiharurweko. 17Ariko Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ngo ubutumwa ndabuvuge nanje butagabanije, abanyamahanga bose babwumve. Nuko mva mu menyo y'intambwe. 18Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngo anjane mu bwami bwiwe bwo mw'ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amina. 19Untahirize Purisikila na Akwila n'abo kwa Onesiforo. 20Erasito yagumye i Korinto, ariko Tirofimo namusize i Mileto arwaye. 21Gira umwete wo kuza agatasi katarashana. Ewubulo, Pudenti, Lino, Kilawudiya n'abavukanyi bose baragutasha. 22Umwami abane n'umutima wawe. Ubuntu bw'Imana bubane namwe.

will be added

X\