TIMOTEYO RYA KABIRI 3

1Ariko umenye yuko mu misi y'iherezo hazoza ibihe bigoye. 2Kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivyo Imana, 3badakunda n'ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, 4abaguranyi, ibirandamuke, abivyimvya, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana. 5Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo. Abameze batyo wame ubatera ibitugu. 6Kuko muri bo harimwo abagabo banyegetera mu mazu, bagatwara abagore batagira imitima, baremerewe n'ivyaha, batwarwa n'ukwifuza kw'uburyo bwinshi, 7bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri. 8Nk'uko Yane na Yambure barwanije Mose, ni ko n'abo bagabo barwanya ukuri, abo ni abononekaye ubwenge, babaye ibihombe ku kwizera. 9Mugabo ntibazoshobora kurengaho; kuko ubusazi bwabo buzogaragarira abantu bose, nk'uko ubwa ba bandi bwagaragaye. 10Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, ingeso, imigabo, ukwizera, ukutarambirwa, urukundo, ukwihangana, 11guhamwa n'imibabaro, nk'ivyambereyeko muri Antiyokiya, Ikoniyo n'i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza. 12Mbere abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa. 13Ariko abantu babi, bo n'abahumbuzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa. 14Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuko uzi abakwigishije. 15Kandi uzi yuko uhereye mu buto bwawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubwenge bwo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu. 16Ivyanditswe vyose vyahumetswe n' Imana, kandi bifise akamaro ko kwigisha umuntu, kumuhana, kumutunganya no kumutoza indero nziza mu kugororoka; 17kugira ngo umuntu w'Imana abe uwushitse, afise ibimukwiye vyose, ngo akore igikorwa ciza cose.

will be added

X\