TIMOTEYO RYA KABIRI 2

1Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu, 2kandi ivyo wanyumvanye mu maso y'ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n'abandi. 3Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk'uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu. 4Nta musoda yikwegera mu vy'ubu bugingo, ngo azohimbare uwamwandikiye ubusoda. 5Kandi iyo umuntu arushanywa, ntahabwa igitsibo, kiretse arushanijwe nk'uko vyagezwe. 6Umurimyi kuko ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze. 7Umenye ivyo mvuze, kuko Umwami wacu azoguha ubwenge muri vyose. 8Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk'uko ubutumwa nahawe buvuga; 9ubwo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk'inkozi y'ikibi; ariko ijambo ry'Imana ntiriboshwe. 10Ni co gituma nihanganira vyose kubwo abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n'ubwiza budashira. 11Iri jambo ni iryo kwizerwa, ngo Namba twarapfanye na we, tuzobanaho na we; 12namba twihangana, tuzokwimikanwa na we; namba waramwihakanye, na we azotwihakana; 13naho tutoba abizigirwa, we ahora ari umwizigirwa, kuko adashobora guhindagurika. 14Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu maso y'Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva. 15Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk'uwamaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw'ijambo ry'ukuri. 16Ariko, ibihumanya vy'amajambo y'ubusa ubizibukire, kuko ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana, 17kandi ijambo ryabo rizorandagurana nk'igisebe gishikurana kidakira. Muri abo umwe ni Humenayo na Fileto, 18kuko bazimiye bakava mu vy'ukuri, bavuga ngo ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe. 19Ariko ibuye ry' umushinge w'Imana wo kwubakako urakomeye, ryanditsweko iki kimenyetso, ngo Uhoraho arazi abiwe; kandi ngo Umuntu wese avuga izina ry' Uhoraho ave mu kugabitanya. 20Mu nzu nini y'umutunzi ntihabamwo ibikoresho vy'ivyacuzwe mw'izahabu no mw'ifeza gusa, ariko habamwo n'ivyo ibiti n'ivyo ibumba, kandi bimwe babikoresha ivyo icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni. 21Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n'ivyo, azoba igikoreshwa c'icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose. 22Ariko kwifuza kw'ubusore uguhunge, maze ukurikire ukugororoka, ukwizera, urukundo n'amahoro, ufatanya n'abambaza Umwami wacu n'imitima itanduye. 23Ariko ibihari vy'ubupfu n'ivyo ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara impari z'ubupfu. 24Kandi umushumba w'Umwami wacu ntakwiye gutongana, ariko akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bwo kwigisha, no kwihangana, 25no guhanurisha uburwaneza abamuhaririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivyo ukuri, 26bagaruke mu bwitonzi, bave mu mutego wa wa mugarariji yabafashe ngo bakore ivyo agomba.

will be added

X\