TESALONIKE RYA KABIRI 2

1Turabinginga, bavukanyi, kubwo kuzoza kw'Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu, 2ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n'impwemu canke n'ijambo canke n'ikete rimeze nk'irivuye kuri twebwe, rivuga yuko umusi w'Umwami wacu uhejeje gushika. 3Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuko utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w'umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka, 4umurwanizi yishira hejuru y'icitwa Imana cose canke igisengwa; nuko azokwicara mu rusengero rw' Imana, yiyerekana ngo ni Imana. 5Ntimwibuka yuko nababwiye ivyo nkiri kumwe namwe? 6Kandi none murazi ikibuza, kugira ngo azohishurwe mu gihe ciwe. 7Kuko ibanga ry'umugararizo n'ubu ririko rirakora, mugabo hari uwubibuza ubu, gushitsa igihe azokurirwaho. 8Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutituza uguseruka kw'ukuza kwiwe. 9Ukuza kw'uwo mugarariji kuri mu buryo bw'inkomezi za Satani, kuri n'ubushobozi bwose n'ibimenyetso n'ibitangaza vy'ibinyoma, 10n'ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivyo ukuri ngo bakizwe. 11Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: 12kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, batsindwe n'urubanza. 13Ariko bavukanyi bakundwa n'Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuko uhereye mu bihe vya kera Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri. 14Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bwiza twajejwe, kugira ngo muhabwe ubwiza bw'Umwami wacu Yesu Kristo. 15Nuko bavukanyi, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ari ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mw'ikete ryacu. 16Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubwiwe, n'Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n'ivyizigiro vyiza biheshwa n'ubuntu bwayo, 17babirure mu mitima yanyu, bayikomeze mu gikorwa cose ciza, n'ijambo ryose ryiza.

will be added

X\