TESALONIKE RYA KABIRI 1

1Pahulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw'ishengero ry'i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. 2Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo bibe muri mwebwe. 3Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bavukanyi, nk'uko bikwiye, kuko ukwizera kwanyu gukura cane, n'urukundo rw'umuntu wese muri mwebwe mukundana rugwira. 4Ni co gituma ubwacu tubirata mu mashengero y'Imana, kubwo ukwihangana kwanyu n'ukwizera mu guhamwa kwanyu kwose n'amagorwa mushinyiriza. 5Ico ni ikimenyetso co guca imanza kw'Imana kugororotse, ngo muzokwemererwe gushika mu bwami bw'Imana, ubwo namwe mubabarizwa. 6Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera, 7no kwishura mwebwe abayaterwa kuruhukana natwe, aho Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw'ijuru, azananye n'abamarayika b'ubushobozi bwiwe, 8hagati mu muriro waka, yishure guhorwa abatamenye Imana n'abatumvira ubutumwa bwiza bw'Umwami wacu Yesu. 9Bazohanwa, ni kwo guhona kw'ibihe bidashira, kuva mu maso y'Umwami no mu bwiza bw'ubushobozi bwiwe, 10aho azozira gushimirwa mu bera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubwo abamwizeye bose, kuko intahe twashinze muri mwebwe yemewe. 11Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngo Imana yacu ibemere ko mumeze nk'uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kandi ishikishe ubushobozi iciza cose munezererwa n'igikorwa canyu cose kiva ku kwizera: 12kugira ngo izina ry'Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri we, nk'uko ubuntu bw'Imana yacu n'ubwo Umwami Yesu Kristo buri.

will be added

X\