YOHANA RYA KABIRI 1

1Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mwubahwa watoranijwe, mwe n'abana bawe abo nkunda vy'ukuri; kandi si jewe jenyene ndabakunda, ariko n'abazi ukuri bose barabakunda, 2kubwo ukuri kuba muri twebwe, kukazogumana natwe ibihe bidashira. 3Ubuntu, imbabazi n'amahoro, biva ku Mana Data wa twese no kuri Yesu Kristo, Umwana wa Data wa twese, bizobana natwe mu vyo ukuri no mu rukundo. 4Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk'uko twagezwe na Data wa twese. 5Kandi none ndakwinginga mwubahwa, si nk'uwukwandikira icagezwe gishasha, ariko ni ico twamanye uhereye mu bihe vya kera, ngo dukundane. 6Uru ni rwo rukundo, ni uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk'uko mwumvise uhereye mu bihe vya kera, ko mukigenderamwo. " " 7Kuko abayobeza benshi baserutse bakaja mw'isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Uwumeze atyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo. 8Mwiyubare, ntimuhombe ivyo ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabwe ingero itagabanije. 9Umuntu wese arenga ku nyigisho, akagenda kure mu bindi, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana. Uwuguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n'Umwana. 10Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuzomwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuzomuhe ikaze; 11kuko uwuzomuha ikaze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi. 12Naho nari mfise vyinshi vyo kubandikira, singomvye kuvyandikisha ubwino ku rupapuro; ariko nizigiye kuzoza i wanyu ngo tuvugane imbonankubone kugira ngo umunezero wanyu ube uwuzuye. 13Abana b'umuvukanyi wawe yatoranijwe baragutasha. "

will be added

X\