KORINTO RYA KABIRI 9

1Ivyo ukugaburira abera sindinda kubibandikira. 2Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yuko Abanyakaya bari basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete. 3Kandi ndungitse abo bavukanyi kugira ngo ukubirata kwacu ntikuzopfe ubusa muri ivyo; kugira ngo muzobe mwiteguye nk'uko nababwiye, 4twebwe (sinovuga mwebwe) ntituzomaramazwe n'ivyo twari twizigiye, namba Abanyamakedoniya bamwe bazozanana nanje bagasanga mutiteguye. 5Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bavukanyi kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivyo ubuntu mwasezeranye kera, bibe biteguwe nk'ivyo ugutabara hatarimwo ubwimanyi. 6Ariko ico mvuga ngiki, ngo Ubiba nke, azokwimbura bike, ubiba nyinshi azokwimbura vyinshi. 7Umuntu wese atange nk'uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye canke atagoberewe, kuko Imana ikunda utanga anezerewe. 8Kandi Imana ishobora kubasazako ubuntu bwose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahagije muri vyose. 9Nk'uko handitswe, ngo Yatanze isabagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamaho ibihe bidashira. 10Kandi Iha umubivyi imbuto n'imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kandi izogwiza imbuto z'ukugororoka kwanyu. 11Namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bwose, butuma dushimisha Imana. 12Kuko igikorwa c'ukwo kugabura kitamara ubworo bw'abera gusa, ariko kandi kirushiriza gushimisha Imana muri benshi. 13Kuko uburyo mwageragejwe n'ukwo kugabura bwatumye abo bahimbaza Imana yuko muwumvira, mwatura ubutumwa bwiza bwa Kristo, kandi yuko mwatabarishije vyinshi vyo kubafasha no gufasha abandi bose. 14Kandi mu kubasengera babagirira inkumbu, kuko ubuntu bw' Imana burushiriza kuba muri mwebwe. 15Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.

will be added

X\