KORINTO RYA KABIRI 7

1Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bwose bw'umubiri n'ubwo umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana. 2Muduhe ikibanza mu mitima yanyu; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze. 3Sindabivugiye kubagaya; kuko maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, ngo dupfane kandi ngo tubaneho. 4Ndababwira ndabizigiye cane, ndabiratana. Nuzuye ihumure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose. 5Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribwatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bwose; inyuma hari intambara, imbere hari ubwoba. " 6Ariko Imana ihumuriza abicisha bugufi yaduhumurishije ukuza kwa Tito. 7Kandi si ukuza kwiwe kwonyene, ariko kandi ni uguhumurizwa mwamuhumurije namwe, n'uko yatwiganiye inkumbu zanyu mwangiriye, n'amarira yanyu, n'ishaka mwandwanira, ni co catumye ndushiriza kunezerwa. 8Naho nabateje umubabaro ca cete canje, sinicuza, naho nari naricujije; kuko ndabonye yuko ico cete cabateye umubabaro, naho mwawugize igihe gito gusa; 9noneho ndanezerewe; sinejerejwe n'uko mwagize umubabaro, ariko n'uko uwo mubabaro wabateye kwihana. Kuko mwagize umubabaro mu buryo bw' Imana, kugira ngo ntihagire ico mubura ku bwacu. 10Umubabaro wo mu buryo bw'Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza; ariko umubabaro wo mu buryo bw'isi utera urupfu. 11Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bw'Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi utyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, guhigimanga, gutinya, inkumbu, ishaka no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe muri ivyo. 12Nuko naho nabandikiye, ivyanyandikishije si ivyo uwagize nabi, kandi si ivyo uwagiriwe nabi, ariko ni ukugira ngo umwete mutugirira werekanirwe hagati yanyu mu maso y'Imana. 13Ni co catumye duhumurizwa. Kandi muri ukwo guhumurizwa turushiriza guterwa umunezero n'umunezero wa Tito, kuko umutima wiwe waruhuwe namwe mwese. 14Namba hari icanteye ko ndabirata ndabaratira Tito, ntivyantetereje; ariko nk'uko twababwiye vyose ukuri, ni ko ni ukwirata kwacu, twaratiye Tito, kwabonetse ko ari ukwo ukuri. 15Kandi umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n'ingene mwamwakiriye mutinya, muhinda agashitsi. 16Nezerewe yuko mfise umutima uremye ku bwo ivyanyu vyose.

will be added

X\