KORINTO RYA KABIRI 5

1Turazi yuko inzu y'urusago yacu yo kw'isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n'amaboko, itazoshira yo mw'ijuru. 2Kuko tunihira muri uru rusago, twifuza kurwambikirwako inzu yacu izova mw'ijuru, 3namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa. 4Kuko twebwe abari muri uru rusago tuniha turemerewe, si uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngo igipfa kimirwe n'ubugingo. 5Kandi iyaturoranije ku bwo ico nyene n'Imana, iyatugwatirije Mpwemu. 6Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yuko iyo turi i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y'Umwami wacu— " 7kuko tugenda turongorwa n'ukwizera, ntiturongorwa n'ivyo tubona-- 8ego me turinda mu mutima, kandi ico turushiriza gukunda ngiki: ni ukugerera kure y'umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu. 9Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo turi i wacu mu mubiri, canke iyo tugerereye kure y'umubiri. 10Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y'intebe y'imanza ya Kristo, kugira ngo umuntu wese ahabwe ibihwanye n'ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi. 11Nuko kuko tuzi ingene ukwubaha Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, ariko Imana turayigaragarira kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n'imitima yanyu. 12Ntitwongera kubishimagizako, ariko tubaha inyanduruko y'ingene mwokwirata ku bwacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima. 13Namba dusaze, dusaze ivyo Imana; namba dufise ubwenge, ni mwebwe dukorera." 14Kuko urukundo rwa Kristo rutugobera, kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko umwe yapfiriye bose, nuko rero bose barapfuye. 15Kandi icatumye apfira bose kwari ukugira ngo abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira. 16Ni co gituma kuva ubu tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vyo umubiri, ariko noneho ntitukimumenya dutyo. 17Nuko rero umuntu wese iyo ari muri Kristo, aba ari icaremwe gishasha; ivya kera biba bihise, vyose biba bibaye bishasha. 18Ariko ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubwa Kristo, ikaduha igikorwa c'ukunywanisha, 19ni kwo kuvuga yuko Imana yari muri Kristo yiyuzuza n'abari mw'isi, ntiyabaharurako ibicumuro vyabo, kandi yatubikije ijambo ry'umwuzuzo. 20Ni co gituma turi intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n'iyibaduhanurisha. Turabahanura mu gishingo ca Kristo, mwuzure n'Imana. 21Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha ku bwacu, kugira ngo tumuhindukiriremwo ukugororoka kw'Imana.

will be added

X\