KORINTO RYA KABIRI 3

1Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke turinda amakete yo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk'uko bamwe bandi bagomba? 2Ni mwebwe cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma. 3Kuko muboneka ko muri ikete Kristo yatwandikishije, nk'uko igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe irangi, ariko candikishijwe Mpwemu w' Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy'amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y'inyama. 4Uko ni ko twizigira Imana ku bwa Kristo. 5Si uko dushobora ubwacu kwiyumvira ikintu cose nk'aho ari twebwe candurutseko, ariko dushobozwa n'Imana; 6ni yo yadushoboje kuba abakozi b'isezerano rishasha, yamara si abakozi b'ivyandikishijwe indome, ariko ni abo impwemu; kuko ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, ariko impwemu ihesha ubugingo. 7Yamara ubwo bugabuzi bwandikishijwe indome zikorogoshowe mu mabuye bwaganzwa n'urupfu, naho bwari bwazananye n'ubwiza. Ariko ubwo bwiza, naho bwagenda bushira, bwatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose. 8None ko vyabaye bityo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n'ubwiza? 9Ubugabuzi bwo gutsindwa ko ari ubwiza, ubugabuzi bwo kugororoka burushiriza kugira ubwiza bw'akaburarugero. 10Mbere icari gisanganywe ubwiza nta bwiza kigifise, kuko haje ubwiza bukirengeye. 11Igishira ko cari n'ubwiza, igihoraho kirushiriza cane kugira ubwiza. 12Nuko ko dufise icizigiro kingana gityo, tuvuga tutabobotereza na gatoya. 13Ntidusa na Mose, yitwikira mu maso, kugira ngo abisirayeli ntibahange amaso iherezo ry'ubwariko buraherengetera. 14Ariko imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa n'ubu, ca citwikiro kikiriho mu gisomwa c'isezerano rya kera, ntikirakurwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera. 15Ariko gushitsa n'ubu, ivya Mose iyo bisomwa ico citwikiro kiba ku mitima yabo. 16Yamara, iyo umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikurwaho. 17Ariko uwo Mwami ni we Mpwemu; kandi aho Mpwemu w'Uhoraho ari, ni ho haba umwidegemvyo. 18Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk'icirore ubwiza bw'Umwami, turahinduka, tugashushanywa n'iyo shusho, tukava mu bwiza tukaja mu bundi, nk'abahindurwa n'Umwami, ari we Mpwemu.

will be added

X\