KORINTO RYA KABIRI 12

1Numva mpambirwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n'Umwami wacu. 2Ndazi umuntu wo muri Kristo, yaduganywe akajanwa mw'ijuru rya gatatu, ubu hashize imyaka icumi n'ine--namba yari mu mubiri sindabizi; canke namba atari mu mubiri sindabizi, bizi Imana. 3Kandi nzi yuko uwumeze atyo--namba yari mu mubiri, canke Namba atari mu mubiri, sindabizi, bizi Imana-- 4yaduganywe, akajanwa muri Paradiso, akumva ibitovugwa, ivyo umuntu atemererwa kuvuga. 5Kubwo umuntu ameze atyo ndirata, ariko ku bwanje sinokwirata, atari intege nke zanje. 6Kandi nogomvye kwirata sinobaye ndi igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire uwunyiyumvira ibiruta ivyo ambonako canke ivyo anyumvako. 7Kandi kugira ngo sinterwe kwishira hejuru birenze urugero, ndabitewe n'uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabwa igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo sinterwe kwishira hejuru birenze urugero. 8Kandi kuri ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo. 9Arambarira ati: "Ubuntu bwanje buraguhagije; kuko ubushobozi bwanje buhingurirwa mu ntege nke." Nuko canecane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ngo ubushobozi bwa Kristo bunzeko. 10Ni co gituma kubwa Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n'imibabaro, no guhigwa, n'ivyago; kuko iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi. 11Mbaye igipfu, ni mwebwe mwabinteye, kuko ivyari bikwiye ari uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho ndi ubusa. 12Ni ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n'ibitangaza n'ibikorwa bikomeye. 13Ayandi mashengero yabarushije iki, atari uko jewe ubwanje ntababereye ikirusha? Mumparire ico caha! 14Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu; sinzoba nje kubaremereza ivyo mu mpa. Kuko atari ivyanyu ndondera ariko ni mwebwe ubwanyu ndondera; kuko abana badakwiye kuziganiriza abavyeyi, ariko abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana. 15Ku bwanje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bwanyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, none urwo nkundwa rugabanuke? 16Ivyo vyo birahaye; ubwanje sinabaremereye; ariko, ko naciye mu kandi kenge, ubuhinga ubugunge. 17Mbega mu bo nabatumyeko hari umuntu natumye kubaka inyungu? 18Nagishije inama Tito, ndamurungikana; na wa muvukanyi wundi. Hari inyungu Tito yabatse? Ntitwagendeye muri Mpwemu umwe? Ntiyageze ikirenge mu canje? 19Uhereye kera mwiyumvira yuko tubiregurako. Imbere y'Imana no muri Kristo ni ho tuvugira. Ariko yemwe abo nkunda, vyose tubivugiye kubakomeza. 20Kuko binteye akoba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga meze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, ishari, ishavu, ikeba, ukuvuga abandi nabi, insaku, ukwihimbariza ubusa n'imivurungano; 21kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebwe, nanje nkazoririra benshi bacumuye kera, ntibihane ivyonona, n'ubushakanyi, n'ivyo isoni nke bakoze.

will be added

X\