KORINTO RYA KABIRI 1

1Jewe Pahulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk'uko Imana yagomvye, na Timoteyo umuvukanyi, turabandikiye abo mw'ishengero ry'Imana ry'i Korinto, n'abera bose bari muri Akaya hose. 2Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo bubabemwo. 3Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, Data wa twese w'imbabazi, kandi Imana yirura imibabaro yose iragahezagirwa, 4itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n'Imana. 5Nk'uko ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, ni ko n'ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na Kristo. 6Iyo tubabazwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa, bo n'agakiza; kandi iyo twirurwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n'iyo natwe tubabazwa. 7Kandi ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko dusangiye iyo mibabaro, dusangiye n'ukuyirurwa. 8Kuko bavukanyi, tutagomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu. 9Kandi tumenyeshwa mu mitima yuko duciriweko iteka ryo gupfa, kugira ngo ntitwiyizigire ubwacu, ariko twizigire Imana izura abapfuye. 10Yadukijije urupfu rukomeye rutyo, kandi izodukiza; ni yo twizigira yuko izokwama irudukiza, 11namwe muhuje imitima yo kudufasha mudusengera, ngo ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana ku bwacu. 12Kuko ukwirata kwacu ari uku, kandi ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe; ingeso twagirira mw'isi, kandi canecane muri mwebwe, zari ukwera, n'imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bwenge bw' abantu, ariko mu buntu bw'Imana. 13Kuko ata bindi tubandikira, atari ivyo nyene musoma kandi mwemera, kandi nishimiye ko muzovyemera gushitsa ko iherezo, 14nk'uko mwatwemeye agace, yuko turi ivyirato vyanyu, nk'uko namwe muzoba ivyacu ku musi w'Umwami wacu Yesu. 15Kandi nk'uko nizigiye ivyo, nagira ngo nzobanza kuza i wanyu, ngo muhabwe ubuntu ubugira kabiri, 16no kubacako nja i Makedoniya, nkagaruka i wanyu mvuye i Makedoniya, ngo mumperekeze, munsezere neza nja i Yudaya. 17Nuko aho nagomba gukora ntyo, mbega narahindagurika? Canke ivyo ngabira, ndabigabira mbwirijwe n'akameremere kanje, ngo niburanye nti: "Ego, ego," maze nti: "Oya, oya?" 18Ariko nk'uko Imana ari iyo kwizerwa, ijambo tubabarira ntituvuga ngo ego, maze ngo oya. 19Umwana w'Imana Yesu Kristo, umwe twabigisha ivyiwe, twe na Siluwano na Timoteyo, ntiyari ego, kandi ngo abe oya; ariko muri we harimwo ego me. 20Ivyo Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri; ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amina, ngo Imana ishimishwe natwe. 21Imana ni yo idukomezanya namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuje amavuta. 22Kandi ni yo yadushizeko ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu. 23Ariko Imana ni yo ntanzeko icabona ku bugingo bwanje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwari ukwanka kubababaza. 24Si uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero; kuko ukwizera ari kwo muhagazemwo.

will be added

X\