TIMOTEYO RYA MBERE 6

1Abaja bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngo izina ry'Imana n'ukwigisha ntibitukwe. 2Kandi abafise ba shebuja bizera, ntibagayishwe n'uko ari abavukanyi, ariko barushirize kubakorera, kuko abagirirwa ico kimazi ari abizera n'abakundwa. Uzokwigishe ivyo, ubibahanure. 3Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y'Umwami wacu Yesu Kristo, n'inyigisho zihura n'ukwubaha Imana; 4azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihari, n'intambara z'amajambo, zivamwo igono, gutongana, ibitutsi, umwikeko mubi 5n'ibihari bidashira vy'abantu bononekaye ubwenge, bakuweko ivyo ukuri, bibwira yuko kwubaha Imana ari ukwironkera inyungu. 6Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubumbwa n'ivyo ufise kuvamwo inyungu nyinshi koko. 7Kuko ata co twazanye mw'isi kandi ata co dushobora kuyivanamwo. 8Ariko iyo dufise ivyo turya n'ivyo twambara biba bitubumvye. 9Ariko abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw'ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. 10Kuko gukunda amahera ari imizi y'ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi. 11Ariko weho, muntu w'Imana, wame uhunga ivyo, ariko ukurikire ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n'ubugwaneza. 12Wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubugingo budashira, ubwo wahamagariwe, ukabwaturira ukwatura kwiza mu maso y'ivyabona vyinshi. 13Ndakubwiririza mu maso y'Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato, 14witondere icagezwe, ntugire agasembwa, ntubeko umugayo, gushitsa ku guseruka kw' Umwami wacu Yesu Kristo, 15kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n'Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w'abami, uwuganza abaganza. 16Ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n'ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amina. 17Wihanize abatunzi bo mu vy'iki gihe, ntibibone, canke kwishimira ubutunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisesekaye, ngo tubinezererwe. 18Kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga, 19bibikire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri. 20Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy'amajambo ahumanya n'ukurwana kw'ivyitwa ubwenge atari bwo, 21ubwo bamwe bivuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera. Ubuntu bubane namwe.

will be added

X\