TIMOTEYO RYA MBERE 5

1Ntuhambarire umutama, ariko umuhanure nka so, abakiri bato n'imisore ubahanure nk'abavukanyi bawe. 2Abatamakazi nyene ubahanure nka ba nyoko, abakiri bato n'abigeme nka bashiki bawe, uri n'umutima utanduye na gatoya. 3Wubahe abapfakazi b'inyakamwe vy'ukuri. 4Ariko, umupfakazi wese, namba afise abana canke abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo; kuko ivyo ari vyo bishimwa mu maso y'Imana. 5Umupfakazi w'inyakamwe asigaye ari umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw'ijoro. 6Ariko, uwihaye ukwifuza aba apfuye ahagaze. 7Ubabwirize ivyo, kugira ngo ntibabeko umugayo. 8Ariko umuntu ni atatunga abo mu nzu y'i wabo, canecane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kandi azoba abaye hanyuma y'uwutizera. 9Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongo itandatu y'amavuka, kandi handikwe uwari afiswe n'umugabo umwe gusa. 10Handikwe uwushimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indaro, yaroza ibirenge vy'abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose. 11Ariko abapfakazi bakiri bato ntubemerere, kuko kwifuza kw'umubiri ni kwamara kubatera kugarariza Kristo bazogomba kurongorwa, 12bagatsindwa n'urubanza kuko bavuye mw'isezerano ryabo rya mbere. 13Kandi ikindi, biga kugira ubunebwe, bagenda imihana; ariko rero si ubunebwe gusa, ikigeretseko bararegeteranya bita mu bitari ivyabo, bavuga ivyo badakwiye. 14Ni co gituma ngomba ko abapfakazi bakiri bato barongorwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umwansi urwitwazo rw'ibitutsi. 15Kuko n'ubu bamwe bamaze guta inzira, ngo bakurikire Satani. 16Umugore wese yizera namba afise incuti z'abapfakazi, abafashe, ishengero ntiriremerwe, ribone gufasha abapfakazi b'inyakamwe. 17Abakuru b'ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi canecane abacumukura mu kuvuga ijambo ry'Imana no mu kwigisha. 18Kuko icanditswe kivuga, ngo Ntimuzorumye umunwa w'inka iriko irasekura ingano; kandi ngo Umukozi akwiye ingero yiwe. 19Umukuru ntukemere ico bazomukuregako hatabonetse ivyabona bibiri canke bitatu. 20Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngo abandi na bo batinye. 21Ndakwihanikiririza mu maso y'Imana na Yesu Kristo n'imbere y'abamarayika batoranijwe, witondere ivyo, ntuce urwo umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi. 22Ntukagire umuntu wihutira kurambikako ibiganza, kandi ntugafatanye n'abandi mu vyaha vyabo. Uzokwame wirinda ubuhumane. 23Uhereye ubu ntunywe amazi gusa, ariko unywe n'utuvinyu dukeya kubwo mu nda hawe, kuko urwaragurika. 24Hari abantu ivyaha vyabo biboneka bikabatanga mu kuja mu rubanza; hari n'abandi bibaza inyuma. 25Kandi ibikorwa vyiza na vyo ni uko, hari ibiboneka; kandi n'ibitameze bityo ntibishobora kunyegezwa.

will be added

X\