TIMOTEYO RYA MBERE 4

1Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vyo impwemu zizimiza no ku vyo inyigisho z'abadayimoni, 2bavugisha uburyarya bw'abanyabinyoma, batewe ikidodo mu mitima yabo ibagiriza ikibi, 3babuza kurongora no kurya ivyo kurya, kandi ari vyo Imana yaremye kugira ngo abizera, bakamenya ivyo ukuri, babirye bashima. 4Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimwo ico gutabwa, iyo cakiriwe n'uwushima; 5kuko kiba gihezagiwe n'ijambo ry'Imana no gusenga. 6Ni wibutsa abavukanyi ivyo, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y'ukwizera n'ayo inyigisho nziza wakurikiye. 7Ariko imigani ihumanya n'iyo abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana; 8kuko kwimenyereza kw'umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry'ubugingo bw'ubu n'ubuzoza. 9Iryo jambo ni iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose. 10Kuko igituma turuha tukama mu ntambara ari uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w'abantu bose, canecane w'abizera. 11Wame ubwiriza ivyo kandi uvyigisha. 12Ntihakagire uwukugayira ubusore, ariko ubere abizera ikigereranyo mu vyo uvuga, mu ngeso zawe, mu rukundo, mu kwizera no ku mutima utanduye. 13Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu, kubahanura no kubigisha. 14Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n'ivyo abavugishwa n' Imana mu kurambikwako ibiganza vy'abakuru. 15Ivyo ubishireko umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose. 16Wirinde ubwawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira utyo uzokwikizanya n'abakwumva.

will be added

X\