TIMOTEYO RYA MBERE 3

1Iri jambo ni iryo kwizerwa; umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza. 2Nuko umuzezwashengero akwiye kutabako umugayo, kandi akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe uwutarenza urugero, yitonda, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indaro, afise ubwenge bwo kwigisha, 3atari umunoho w'umuvinyu, canke umusinzi, ariko abe umugwaneza, atitoraguza, atari inkunzi y'amahera, 4aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose. 5(Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry'Imana?) 6Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngo atembe, agacirwako iteka wa mugarariji yaciriweko. 7Kandi akwiye gushingirwa intahe neza n'abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa mugarariji. 8Kandi n'abadiyakoni b'ishengero na bo nyene, bakwiye kuba inyankamugayo batavuga indimi zibiri, kandi ntibabe abatwawe n'umuvinyu mwinshi, canke abifuza inyungu mbi. 9Ariko bagumye ibanga ry'ukwizera, bafise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi. 10Kandi abo babanze kumenyerezwa, maze ni batabonekako umugayo babone gukora igikorwa c'ibango ryabo. 11N'abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose. 12Umukozi w'ishengero wese abe umugabo afise umugore umwe gusa, aganza neza abana biwe n'abo mu rugo rwiwe. 13Kuko abakoze neza ico gikorwa c'ibango ryabo bironkera ikibanza c'iteka n'umwidegemvyo mwinshi mu kwizera Kristo Yesu. 14Nkwandikiye ivyo, nizigiye ko nzoza i wawe vuba. 15Ariko ni naba ngitevye ni ukugira ngo uzomenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y'Imana, ni yo shengero ry'Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri. 16Nta wuhakana yuko ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, ni iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka ko ari umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n'abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw'isi, akaduzwa agahabwa ubwiza.

will be added

X\