TIMOTEYO RYA MBERE 2

1Irya mbere y'ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose, kubasengera, kubasabira no kubashimira Imana; 2kandi canecane abami n'abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana turi inyankamugayo rwose. 3Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu maso y'Imana Umukiza wacu, 4igomba ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivyo ukuri. 5Kuko hari Imana imwe, kandi hari Umuhuza umwe w'Imana n'abantu, na we nyene ni umuntu, ni Kristo Yesu, 6yitanze ko incungu ya bose. Kandi ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo, 7ni co nashiriweho kuba umusiguzi n'intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) ni umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n'ivyo ukuri. 8Nuko ndagomba ko abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihari. 9Kandi n'abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badasaragurika kandi badashazisha gutsiba umushatsi, canke izahabu, canke ubudede, canke impuzu z'igiciro kinini, 10ariko bashazishe ibikorwa vy'ingeso nziza, nk'uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana. 11Umugore yige atekereje agamburuka rwose. 12Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke ko aganza umugabo, ariko atekereze. 13Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva. 14Kandi Adamu si we yahenzwe, ariko umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro. 15Yamara azokizwa kubwo ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kwitonda.

will be added

X\