TIMOTEYO RYA MBERE 1

1Pahulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk'uko vyagezwe n' Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu, 2ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu, imbabazi n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu bikubeko. 3Nuko guma muri Efeso, nk'uko nakugiriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ngo uteshe ba bandi ntibigishe ibiteye ukundi. 4Ntibababare ivyo imigani y'ibinyoma n'ivyo kuzura akaboze k'urufatane rw'imiryango katagira iherezo, bidafasha igikorwa c'Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impari. 5Ariko inyanduruko y'ukwigisha kwacu ni ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimwo ijwi ribagiriza ikibi, no ku kwizera kutari ukwo uburyarya. 6Ivyo bamwe barabihushije, bata inzira, baja mu bitagira ikimazi biba ari vyo bavuga. 7Bagomba kuba abigisha b'ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n'ivyo bashingira intahe babishimikiye. " 8Ariko turazi yuko ivyagezwe ari vyiza, iyo umuntu abigenjeje nk'uko bikwiye ivyagezwe, 9azi yuko ivyagezwe bitashiriweho umugororotsi, ariko vyashiriweho abagarariji n'ibigaba, abatubaha Imana n'abanyavyaha, abanegura ivyayo n'abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi, 10abashakanyi, abagabo basambana n'abandi bagabo, abanyaga abantu bakabashora, ababeshi, abarahira nabi, n'ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima, 11gukurikira ubutumwa bw'ubwiza bw'Imana ishemagizwa, ubwo najejwe. 12Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko ndi uwo kwizigirwa, akampa ubusuku; 13naho nabanje kumutyoza, kumuhiga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera. 14Kandi ubuntu bw' Umwami wacu bwiyongeranyako, bo n'ukwizera n'urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu. 15Iri jambo ni iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw'isi no gukiza abanyavyaha; muri bo jewe ndi agahebuza. 16Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe ni ukugira ngo Yesu Kristo anyerekaniremwo gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c'abazomwizera bakaronka ubugingo budashira. 17Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n'icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amina. 18Iri bwirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk'uko abavugishwa n'Imana bakuvuzeko ubwa mbere, ngo ufashwe na vyo kurwana intambara nziza. 19Ugumye ukwizera, ufise umutima utarimwo ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bashibuye bakamera nk'ubwato busavye mu vy'ukwizera. 20Muri abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kudatyoza Imana.

will be added

X\