TESALONIKE RYA MBERE 1

1Pahulo, Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw'ishengero ry'i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo. Ubuntu bubabemwo n'amahoro. 2Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze, 3twibuka ubudasiba ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n'ubutame buva mu rukundo, n'ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y'Imana yacu, ni yo Data wa twese. " 4Bavukanyi bakundwa n'Imana, tuzi yuko mwatoranijwe na yo. 5Kuko ubutumwa bwacu butabashitseko ari amajambo yonyene ariko bwarimwo n'ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebwe kubwanyu. 6Namwe mwaratwiganye, mwigana n'Umwami wacu, mumaze kwakirira ijambo ry'Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera, 7bituma muba ikigereranyo c'abizera bose bari i Makedoniya no muri Akaya. 8Kuko muri mwebwe humvikanye ijambo ry'Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, ariko ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga muri ivyo. 9Kuko bose bivugira ubwabo inkuru z'ingene twaje muri mwebwe, kandi ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima, 10kandi ngo mwitege Umwana wayo ko ava mw'ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza ishavu rigira rize.

will be added

X\