PETERO RYA MBERE 3

1Namwe bagore ni uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry'Imana, bareshwe n'ingeso nziza z'abagore babo, batagize ijambo bavuze, 2ni babona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n'ugutinya. 3Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, ukwo kwambara izahabu canke ukwo kwambara impuzu nziza; 4ariko kube uko umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w'ubugwaneza utekereje, ni kwo kw'igiciro kinini imbere y'Imana. " 5Ni ko abagore bera bizigira Imana bashaza kera, bagamburukira abagabo babo, 6nk'uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe muri abana b'uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubwoba n'icobaca ivutu. 7Namwe bagabo ni uko, mubane n'abagore banyu nk'abazi ibibereye, kuko ari nk'ibikoresho bidahwanije namwe inkomezi. Kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ari abaraganwa namwe ubuntu bw'ubugingo, kugira ngo ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha. 8Ibisigaye, mwese muhuze umutima, mubabarane, mukundane nk'abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima; 9ntimugere ikibi ku kindi, canke igitutsi ku kindi; ariko muvyishurane n'umuhezagiro, kuko ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha. 10Kuko handitswe, " ngo Uwugomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N'abuze ururimi rwiwe, ntiruvuge ikibi, Ni iminwa yiwe ntivuge ivyo uguhendana, 11Kandi azibukire ibibi, akore ivyiza; Arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngo ayashikire. 12Kuko inyonga z'Uhoraho ziri ku bagororotsi, N'amatwi yiwe ari ku vyo basenga, Ariko igitsure c'Uhoraho kiri ku bakora ibibi. 13Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry'ivyiza? 14Yamara naho mwobabazwa muhowe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuzotinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima, 15ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu ko ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y'ivyizigiro biri muri mwebwe, ariko muri n'ubugwaneza, mutinya. 16Mufise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamaramare. 17Ivyoba vyiza ni uko mwobabazwa muhowe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhorwa gukora ibibi. 18Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngo adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bw'impwemu, 19ni bwo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw'ibohero ijambo ry'Imana, 20ni zo z'abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bwa bwato bukibazwa; muri bwo harokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bakirijwe mu mazi. 21Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw'ikigereranyo c'ukubatizwa, si ugukuraho ubuhoma bwo ku mubiri, ariko ni isezerano ry'umutima utagiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo, 22ari i buryo bw' Imana, kuko yagiye mw'ijuru, amaze guhabwa gutwara abamarayika, abanyabubasha n'abanyabushobozi.

will be added

X\