PETERO RYA MBERE 2

1Nuko rero mwiyambure inzigo yose, ubugunge bwose, uburyarya, ishari no kuvuga abandi nabi kwose, 2mumere nk'inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y'umutima adafunguye, kugira ngo abakuze abashitse ku gakiza; 3asangwa mwarayumvirije mukumva yuko Umwami wacu agira neza. 4Nuko mumwegere, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n'abantu, ariko ku Mana ryaratoronijwe, riri n'igiciro, 5mwubakwe nk'amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bw'impwemu, mugire igikorwa cera c'ubuherezi, ngo Muzotange ibimazi mu buryo bw'impwemu, bishimwa n' Imana kubwa Yesu Kristo. 6Kuko mu vyanditswe harimwo aya majambo, ngo Raba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n'igiciro, Kandi uwuryizera ntazomaramazwa. 7Nuko mwebwe abizera ni mwebwe mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngo Ibuye abubatsi bagaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka, 8Ni ibuye ritsitaza ni urutare rugwisha; kuko batsitara kw'ijambo ry'Imana, bataryumvira; kandi ni co bashiriweho. 9Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, muri abaherezi b'ibwami, muri ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry'Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje. 10Kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho muri abantu b'Imana; kera ntimwaribwagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe. 11Abo nkunda, ndabinginga, ko muri abanyamahanga n'ingenzi mwirinde ivyifuzo vy'umubiri birwanya ubugingo; 12mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk'inkozi z'ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bizotume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye. 13Kubwo Umwami wacu, ni mugamburukire ubukuru bwose bwashizweho n'abantu; ari umwami, kuko ari we gahebuza; 14canke abakuru, kuko ari bo atuma guhana inkozi z'ibibi no gushima inkozi z'ivyiza. 15Kuko ivyo Imana igomba ari uko ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b'imburabwenge batagira ico bazi, 16ngo mube nk'abidegemvya, ariko atari ukugira umwidegemvyo wanyu umwitwikiro w'inzigo, ariko mube nk'abakozi b'Imana. 17Mwubahe abantu bose; mukunde abavukanyi banyu; mutinye Imana; mwubahe umwami. 18Bakozi, mugamburukire ba shobuja, mububashe rwose, atari ababagirira neza n'ababihaganira gusa, ariko n'abadadika. 19Kuko igishimwa ari uko umuntu, namba ahanuwe n'ijwi ryo mu mutima gukora ivyo Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahowe ubusa. 20Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhowe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhowe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana. 21Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana akarorero, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe. 22We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bwabonetse mu kanwa kiwe; 23yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Iyidaca urwa nkunzi. 24Ubwiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambwe ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije. 25Kuko mwari muzimiye nk'intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w'ubugingo bwanyu, ari we nyene abujejwe.

will be added

X\