YOHANA RYA MBERE 4

1Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana. Kuko abigira abavugishwa n' Imana benshi badutse mw'isi. 2Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w'Imana, impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, 3kandi impwemu yose itatura Yesu ityo ntiba yavuye ku Mana; kandi iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza, kandi n'ubu iramaze gushika mw'isi. 4Mweho muri abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje; kuko Uwuri muri mwebwe aruta uwuri mu b'isi. 5Abo ni abava mw'isi, ni co gituma bavuga ivyo isi, abo isi bakabumvira. 6Tweho turi abava ku Mana; uwuzi Imana aratwumvira; uwutava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y'ukuri n'impwemu izimiza. 7Abo nkunda, dukundane; kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n' Imana, kandi azi Imana. 8Uwudakundana, ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo. 9Iki ni co caseruye urukundo rw'Imana muri twebwe, ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w'ikinege mw'isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we. 10Iki ni co kirimwo urukundo, si uko twebwe twakunze Imana, ariko n'uko ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba indishi y'ivyaha vyacu. 11Abo nkunda, ko Imana yadukunze ityo, natwe dukwiye gukundana. 12Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebwe, no kuyikunda kuba guhinguwe muri twebwe. 13Iki ni co kitumenyesha yuko tuguma muri yo, na yo ikaguma muri twebwe, ni uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo. 14Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w'isi yose. 15Uwatura yuko Yesu ari Umwana w'Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana. 16Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana ni urukundo; kandi uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we. 17Ico ni co kimaze guhingura urukundo muri twebwe, kugira ngo tuzoshire ubwoba ku musi w'imanza, kuko uko ari, ari ko turi muri iyi si. 18Nta bwoba buba mu rukundo, ariko urukundo ruhinguwe rwirukana ubwoba, kuko ubwoba bugendana n'igihano, kandi uwufise ubwoba ntarahingurirwa mu rukundo. 19Twebwe tugira urukundo, kuko ari yo yabanje kudukunda. 20Umuntu ni yavuga ati: "Ndakunda Imana," akanka umuvukanyi wundi, aba ari umubeshi, kuko uwudakunda umuvukanyi yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye. 21Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ngo Uwukunda Imana akunde n'uwundi muvukanyi.

will be added

X\