YOHANA RYA MBERE 3

1Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b'Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab'isi batatuzi, kuko batayimenye. 2Abo nkunda, none turi abana b'Imana, ariko uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n'uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba uko ari. 3Kandi umuntu wese amuzigako ivyo, ariyeza, nk'uko uwo ari uwera. 4Umuntu wese akora icaha akora ivyo ubugarariji; kandi icaha ni co mugararizo. 5Kandi murazi yuko uwo yahishuwe kugira ngo akureho ivyaha, kandi ata caha kiri muri we. 6Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; uwukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye." 7Bana bato, ntihakagire uwubazimiza. Uwukora ibigororotse ni we agororoka, nk'uko uwo agororoka. 8Uwukora ivyaha ni uwa wa mugarariji, kuko uhereye mu ntango uwo mugarariji yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w'Imana ahishurwa ngiki; ni ukugira ngo asangangure ibikorwa vy'umwansi. 9Umuntu wese yavyawe n'Imana ntakora ivyaha, kuko imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n'Imana. 10Iki ni co kimenyekanisha abana b'Imana n'abana b'Umugarariji: uwudakora ibigororotse wese si uwo Imana, canke uwudakunda umuvukanyi wundi. 11Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise uhereye mu bihe vya kera, ngo dukundane; 12ntiduse na Kayini, yari uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kandi icatumye amwica ni igiki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza. 13Bavukanyi, ntimutangazwe n'uko abo isi babanka. 14Twebwe turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda abavukanyi bacu. Uwudakundana yama mu rupfu. 15Uwanka umuvukanyi wundi ni umwicanyi; kandi murazi yuko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we. 16Iki ni co kitumenyesha urukundo, ni uko uwo yatanze ubugingo bwiwe kubwacu. Natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu kubwa abavukanyi bacu. 17Ariko uwufise ibintu vyo mw'isi, akabona umuvukanyi wundi akenye, akazitira imbabazi ziwe kuri uwo, mbega ugukunda Imana kwoguma muri we gute? 18Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri. 19Ico ni co kizotumenyesha ko turi abo ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo, 20mu vyo imitima yacu idutsindisha vyose, kuko Imana iruta imitima yacu, kandi izi vyose. 21Abo nkunda, imitima yacu iyo itadutsindishije, turashira ubwoba imbere y'Imana; 22kandi ico dusaba cose tugihabwa na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo. 23Kandi icagezwe cayo ngiki: ni uko twizera izina ry'Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk'uko yatubariye. 24Kandi uwitondera ivyagezwe vyayo aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitumenyesha yuko iguma muri twebwe, ni Mpwemu yaduhaye.

will be added

X\