KORINTO RYA MBERE 9

1Mbega sindi uwidegemvya? Sindi intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimuri igikorwa canje mu Mwami? 2Namba ku bandi ntari intumwa, ariko kuri mwebwe ndi yo; kuko muri ikimenyetso mu Mwami c'uko ndi intumwa. 3Ibi ni vyo nireguza ku bampinyura: 4mbega ntitwemererwa kurya no kunywa? 5Ntitwokwemerewe kujana n'umugore akijijwe nk'uko izindi ntumwa zikora, n'abavukanyi b'Umwami wacu na Kefa? 6Canke jewe na Barunaba ni twebwe twenyene tutemererwa kureka gukora? 7Ni nde yigeze kwitunga, ari umusoda? Ni nde yotera umurima w'inzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe? 8Mbega ivyo ndabivuze mu buryo bw'abantu, canke ivyagezwe vyo ntibivuga bityo? 9Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo ntimuze murumye umunwa w'inka iriko irasekura ingano. Mbega inka ni zo Imana ibabaye? 10Canke se yabivuze kubwacu? Ego me, vyanditswe ku bwacu; kuko umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kandi umusekuzi akwiye gusekura yizigiye ko azohabwako. 11Mbega ko twababivyemwo ivyo impwemu, none n'ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy'umubiri? 12Abandi namba baravyemerewe kuri mwebwe, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bwiza bwa Kristo. 13Ntimuzi yuko abakora ibikorwa vy'ivyera barya ivyo urusengero, kandi abakora ivyo igicaniro basangira n'igicaniro? 14Kandi n'Umwami wacu ni ko yageze ko abavuga ubutumwa bwiza batungwa n'ubutumwa. 15Ariko jewe ubwanje nta co narwaniye muri ivyo; kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n'uko nopfuma mpfa, hako umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje. 16Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingobera; ntavuze ubutumwa nobona ibara. 17Ngenjeje ntyo ndabikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngoberwa n'ububwiriza nizigiweko. 18None ingero yanje ni inki? Ni uko ubutumwa, uko ndabuvuze, ndabuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa. 19Naho kuri bose ndi uwidegemvya, nihinduye umushumba wa bose, kugira ngo ndushirize kuronka benshi. 20Ku Bayuda nabaye nk'Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda; ku baganzwa n'ivyagezwe nabaye nk'uwuganzwa na vyo, naho ubwanje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n'ivyagezwe. 21Ku bataganzwa n'ivyagezwe, nabaye nk'uwutaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abataganzwa n'ivyagezwe, yamara ku Mana ho sindi uwutaganzwa n'ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo. 22Ku badakomeye nabaye nk'uwudakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwebamwe uburyo bwose. 23Kandi ivyo vyose ndabikora kubwo ubutumwa bwiza, kugira ngo mfatanye n'abandi muri bwo. 24Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, ariko uherwa akaba umwe? Namwe mube ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impera. 25Kuko umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose. Abo bagenza batyo, kugira ngo bahabwe igitsibo gishira, ariko twebwe tugenza dutyo kugira ngo duhabwe ikitazoshira. 26Nuko nanje ndiruka, ariko si nk'uwutazi iyo aja; nkubitana ibipfunsi, ariko si nk'uhusha; 27kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umushumba, kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe.

will be added

X\