KORINTO RYA MBERE 7

1Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza ni uko umuhungu uwo ari we atohuye n'icitwa umukobwa. 2Ariko ku bwo kwirinda gushurashura, umugabo wese agire umugore wiwe, n'umugore wese agire umugabo wiwe. 3Umugabo ahe umugore wiwe ivyo akwiye, kandi umugore na we abigenze atyo ku mugabo wiwe. 4Kuko umugore ataganza umubiri wiwe, ariko uganzwa n'umugabo; kandi umugabo na we ntaganza umubiri wiwe, ariko uganzwa n'umugore. 5Ntimukimane, kiretse kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bwo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu. 6Ariko mvuze ivyo ari ukwemerana, si ivyagezwe ndabagerera. 7Nagomba ko abantu bose bomera nkanje; ariko umuntu wese afise ingabire yiwe ahabwa n'Imana, umwe ukwiwe, uwundi ukwiwe. 8Abatararongorana, bo n'abapfakazi, ndababwira yuko iciza kuri bo ari uko bogumya kumera nkanje. 9Ariko namba badashobora kwirinda barongorane; kuko kwabirana ari kwiza, kuruta gushuha. 10Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n'Umwami wacu, umugore ntavane n'umugabo wiwe. 11Aramutse avanye na we, abe igisubiramuhira, canke yisubize hamwe n'umugabo wiwe. Kandi umugabo ntate umugore wiwe. 12Abandi ni jewe ndababwira, si Umwami wacu. Umuvukanyi asanzwe afise umugore atizera, kandi uwo mugore agakunda kubana na we, ntamute. 13Kandi umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, ntavane n'umugabo wiwe. 14Kuko umugabo atizera yezwa kubwo umugore wiwe, kandi umugore atizera yezwa kubwo uwo muvukanyi. Iyo bitamera bityo, abana banyu baba ari ibihumane, ariko noneho ni abera. 15Ariko uwutizera, namba agomba kwahukana, ni yahukane. Umuvukanyi w'umugabo canke w'umugore ntahambirwa, iyo bimeze bityo. Imana yaduhamagariye amahoro. 16Yewe mugore, ubwirwa n'iki yuko uzokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubwirwa n'iki yuko uzokiza umugore wawe? 17Ariko gusa, uko Umwami wacu yagabiye umuntu wese, kandi uko Imana yamuhamagaye, kube ari ko amera. Ni ko ngera mu mashengero yose. 18Mbega hariho umuntu yahamagawe yarahimbuwe igikoba c'ubugabo? Ntagacike nk'uwutagihimbuwe. Hariho umuntu yahamagawe atarahimburwa igikoba c'ubugabo? Ntakagihimburwe. 19Guhimburwa igikoba c'ubugabo nta co kumaze, no kudahimburwa igikoba c'ubugabo nta co kumaze, ariko ikigira ico kimaze n'ukwitondera ivyagezwe n'Imana. 20Umuntu wese, uko yari ari mw'ihamagarwa ryiwe, abigumemwo. 21Wahamagawe uri umushumba? Ntibikubabaze. Ariko, namba bishoboka ko ucika uwidegemvya, ubihitemwo. 22Uwahamagawe n'Umwami wacu ari umushumba, aba acitse uwidegemvya acunguwe n'Umwami. Ni ko, uwahamagawe n'Umwami ari uwidegemvya, aba acitse umushumba wa Kristo. 23Mwaguzwe igiciro, ntimukabe abakozi b'abantu. 24Bavukanyi, umuntu wese uko yari ari aho yahamagarwa, akugumanemwo n'Imana. 25Ku vyo inkumi, simfise icagezwe n'Umwami wacu; ariko ndababwira ivyo niyumvira, nk'umuntu yagiriwe ikigongwe n'Umwami, ngo mbe umwizigirwa. 26Nuko ndiyumvira yuko ari vyiza ku bwo igihe kigoye ca none, yuko ari vyiza k'umuntu aguma uko ari. 27Wahambiriwe ku mugore? Nturondere kubohorwa. Wabohowe ku mugore? Nturondere umugore. 28Ariko iyo urongoye, nta caha uba ukoze. N'inkumi, iyo irongowe nta caha iba ikoze. Mugabo, abameze batyo bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira. 29Ariko, bavukanyi, ibi ni vyo mvuga, ko biri ukwo; uhereye none abari n'abagore bamere nk'abatabagira; 30kandi abarira bamere nk' abatarira, n'abanezerewe bamere nk'abatanezerewe, n'abagura bamere nk'abatagira ico bafise, 31n'abakoresha ivy'isi, bamere nk' abatabishishikaye; kuko ukw'isi imeze uku, kugenda gushira. 32Ariko ndagomba ko mutiganyira. Uwutagira umugore yitwaririka ivyo Umwami wacu, uko yonezereza Umwami. 33Ariko uwumufise yitwaririka ivy'isi, uko yonezereza umugore. 34Kandi hariho itandukaniro ku mugore n'inkumi. Uwutarongowe yitwaririka ivyo Umwami wacu, kugira ngo abe uwera ku mubiri no mu mutima; ariko uwabiriwe yitwaririka ivy'isi, uko yonezereza umugabo. 35Ivyo ndabivugiye kubafasha, si ukubashira mu mpururu, ariko n'ukubiroranya, no kugira ngo mukorere Umwami wacu, mudafise imitima ibiri. 36Ariko umuntu ni yaba yiyumvira ko umukobwa wiwe atetererwa, kuko arengeranye ubukumi, kandi kuko bikwiye kuba gutyo, ni agenze uko agomba; nta caha azoba akoze, ni amureke aje kurongorwa. 37Ariko uwukomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, ariko ashobora gukora ivyo agomba ubwiwe, yagabiye mu mutima kuzigama umukobwa bwiwe ngo ntarongorwe, azoba agize neza. 38Nuko uwutanga umukobwa wiwe ngo arongorwe aba agize neza; kandi uwutamutanga aba arushirije kugira neza. 39Umugore aboherwa ku mugabo wiwe akiriho; ariko iyo umugabo apfuye, nta kimubuza gucurwa n'uwo agomba, mugabo rero, ari uwuri mu Mwami wacu. 40Ariko iyo agumye uko ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira ku bwanje; kandi ngira ngo nanje mfise Mpwemu w'Imana.

will be added

X\