KORINTO RYA MBERE 4

1Umuntu ni atwiyumvire yuko turi abakozi ba Kristo, n'abanyabigega b'amabanga y'Imana. 2Kandi ababwiriza abagomba ko babona ari abizigirwa. 3Ariko kubwanje ni nk'ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n'urukinja rw'abantu; kandi nanje nyene sinicira urubanza. 4Kuko ata co niyiziko, ariko si co kingira umwere; ariko uwuncira urubanza ni Umwami wacu. 5Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw'ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw'Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kandi azogaragaza inama zo mu mitima; ni ho umuntu wese azohabwa n'Imana ishimwe rimukwiye. 6Ariko, bavukanyi, ivyo ndavyigereranijeko, jewe na Apolo, ku bwanyu, nk'igishushanyo; kugira ngo ivyo mvuze kuri twebwe bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry'umwe akagaya uwundi. 7Ni nde aguteye kwitandukanya n'abandi? Kandi ico ufise utahawe ni igiki? Ariko namba waragihawe, ni igiki gituma wirata, nk'uwutagihawe? 8Mumaze guhaga; mumaze gutunga; mwimitse nk'abami, tutarimwo. Erega icompa mukaba mwarimitswe, kugira ngo natwe twimikanwe namwe. 9Kuko niyumvira yuko twebwe intumwa, Imana yatwerekanye nk'abari hasi inyuma ya bose, nk'abagerewe kwicwa, kuko twacitse akarorero mw'isi, mu bamarayika no mu bantu. 10Twebwe turi ibipfu kubwa Kristo; mweho muri abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantege nke, muri abanyabushobozi; muri abanyacubahiro, turi inkengerwa. 11Gushitsa n'ubu twishwe n'inzara n'inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo. 12Dukoresha amaboko yacu tugatama. Iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana, 13iyo batwambika ibara turabahoyahoya. Twahindutse umwavu w'isi, n'udukokorwa kuri bose gushitsa n'ubu. 14Ivyo sindavyandikiye kubatetereza, ariko ni nko kubahanura, nk'abana banje nkunda. 15Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi icumi, ntimufise ba so benshi, kuko ari jewe nabavyaje ubutumwa bwiza muri Kristo Yesu. 16Nuko ndabinginga, munyigane. 17Ni co gituma ndabatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, agamburukira Umwami wacu; azobibutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk'uko nigisha hose mu mashengero yose. 18Ariko bamwe bivyimvya, biyumvira yuko ntazoza i wanyu. 19Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi si amajambo y'abivyimvya nzomenya, ariko n'ubushobozi bwabo. 20kuko ubwami bw'Imana atari ubwo amajambo, ariko n'ubwo ubushobozi. 21Mugomba iki? Ko nza i wanyu nzanye inkoni, canke ko nzana urukundo n'umutima w'ubugwaneza?

will be added

X\