KORINTO RYA MBERE 2

1Nanje, bavukanyi, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje ndi agakura mu majambo canke mu bwenge, mu kubamenyesha ibanga ry'Imana. 2Kuko nagabiye kutagira ico menya muri mwebwe, atari Yesu Kristo, we yabambwe. 3Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n'ubwoba, mpinda agashitsi kenshi, 4imvugo yanje ni ukwigisha kwanje ntivyarimwo amajambo y'ubwenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n'ubushobozi, 5kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bwenge bw'abantu ariko guhagarare mu bushobozi bw'Imana. 6Yamara, tuvugana ubwenge hagati mu batunganijwe rwose, ariko ubwo bwenge si ubwo iki gihe, canke ubwo abaganza b'iki gihe bagenda bayoka. 7Ariko tuvugishwa n'ubwenge bw'Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ubwo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu. 8Kandi mu baganza b'iki gihe nta wabumenye. Iyo baba barabumenye ntibaba barabamvye Umwami w'icubahiro. 9Ariko nk'uko handitswe, ngo ivyo ijisho ritigeze kubona, n'ivyo ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w'umuntu, Vyose Imana yabiteguriye abayikunda. 10Ariko Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo; Mpwemu asesa vyose, n'ibihishijwe vy'Imana. 11Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n'ivyo Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w'Imana. 12Ariko tweho ntitwahawe impwemu y'iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye. 13Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n'ubwenge bw'abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivyo impwemu n'ivyo impwemu bindi. 14Ariko umuntu afise umubiri n'ubwenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w'Imana; kuko ari ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw'impwemu. 15Ariko umuntu w'impwemu asesa vyose, kandi ubwiwe nta wumusesa. 16Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy'Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebwe dufise ivyiyumviro vya Kristo.

will be added

X\